Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyabona vya Yehova barigisha abavyeyi ingene bokingira abana babo abagomba kubahumbisha

Ivyabona vya Yehova barigisha abavyeyi ingene bokingira abana babo abagomba kubahumbisha

Bibiliya yigisha abavyeyi gukunda abana babo, kubayobora no kubakingira, no kubabona ko ari ingabirano iva ku Mana. (Zaburi 127:3; Imigani 1:8; Abanyefeso 6:1-4) Kimwe mu bintu vyinshi biteye akaga abavyeyi bategerezwa gukingira abana babo ni abagomba kubahumbisha.

Haraheze imyaka mirongo Ivyabona vya Yehova basohora amakuru afasha abagize imiryango kugiranira ubucuti bwiza. Barasohoye kandi ibiganiro bifasha abavyeyi gukingira abana babo abobafata ku nguvu, bibafasha kandi kubigisha ingene bovyifatamwo hagize abarondera kubahumbisha. Ivyo bikurikira ni uturorero tw’amayagwa yasohowe n’Ivyabona vya Yehova arimwo ubuyobozi bwerekeye ico kintu. Nurabe igitigiri c’ivyasohowe n’ic’indimi vyasohowemwo. *

  • Umutwe: Ukugoka ni ububisha bwama bunyegezwa

    • Ikinyamakuru: Be maso! yo ku wa 8 Ruhuhuma 1981

    • Amakopi yasohowe: 7.800.000

    • Indimi: 34

  • Umutwe: Imfashanyo ku bagotsweko

    • Ikinyamakuru: Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1983

    • Amakopi yasohowe: 10.050.000

    • Indimi: 102

  • Imitwe: Kwonona abana—Birahagaritse umutima ba inabibondo bose; Kwonona abana—‘Ni nde yovyubahuka?’; Kwonona abana—Urashobora gukingira umwana wawe

    • Ikinyamakuru: Be maso! yo ku wa 22 Nzero 1985

    • Amakopi yasohowe: 9.800.000

    • Indimi: 54

  • Imitwe: Abana ata co bazi barononwa; Ingaruka zo kwononwa ukiri umwana

    • Ikinyamakuru: Be maso! yo ku wa 8 Gitugutu 1991

    • Amakopi yasohowe: 12.980.000

    • Indimi: 64

  • Imitwe: Umwana wawe arageramiwe!; Twokingira gute abana bacu?; Kubakingira abo muhira

    • Ikinyamakuru: Be maso! yo ku wa 8 Gitugutu 1993

    • Amakopi yasohowe: 13.240.000

    • Indimi: 67

  • Umutwe: Nukingire abana bawe

    • Ividewo: Ividewo inomero 4 yerekana akamo katewe abantu bose, yasohowe mu 2002

    • Indimi: 2

  • Umutwe: Ingene Yezu yakingiwe

  • Imitwe: Ikintu gihagaritse umutima abavyeyi bose; Ukuntu wokingira abana bawe; Nutume mu muryango wawe haba ahantu ho kwikinga

    • Ikinyamakuru: Be maso! yo muri Gitugutu 2007

    • Amakopi yasohowe: 34.267.000

    • Indimi: 81

  • Imitwe: Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?; Ibibazo abavyeyi bibaza: Noba nkwiye kuyaga n’umwana wanje ibijanye n’igitsina?

  • Umutwe: Ukuntu abavyeyi bokwigisha abana babo ibijanye n’ivy’igitsina

    • Internet: Umuhora wa jw.org; ikiganiro casohowe ku wa 5 Nyakanga 2013

    • Indimi: 64

Ivyabona vya Yehova bazobandanya kwigisha abavyeyi n’abana babo kugira ngo birinde ingorane ziva ku gushurashuzwa.

^ ing. 3 Amatariki y’ivyo biganiro yanditswe hisunzwe igihe vyasohokeyeko mu congereza.