Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bafasha abanyeshure gukora neza muri Tayilande

Bafasha abanyeshure gukora neza muri Tayilande

Kuva muri Kigarama 2012, Ivyabona vya Yehova bo muri Tayilande baragize isekeza ridasanzwe ryo gufasha abanyeshure gukora neza. Ivyabona bashika mirongo ibiri baragendeye amashure y’i Bangkok. Barabonanye n’abayobozi b’ishure rimwerimwe ryose bongera baraha abigisha n’abanyeshure Be maso! yo muri Gitugutu 2012 yari ifise igipfukisho kivuga ngo “Ingene wororanirwa kw’ishure.”

Iryo sekeza ryagenze neza, Ivyabona baca bafata ingingo yo kurigira mu gihugu cose. Mu mezi 18 yakurikiye, baragendeye amashure 830 basanga abigisha n’abanyeshure barashashaye kuronka iyo Be maso! ku buryo vyasavye ko hacapurwa ibindi binyamakuru izindi ncuro zitatu. Ubwa mbere muri Gitugutu 2012 hari hacapuwe ibinyamakuru 30.000. Ariko rero, iyo Be maso! yarakunzwe cane ku buryo hatanzwe ibinyamakuru birenga 650.000!

Abayobozi b’amashure n’abigisha ntibatevye kwibonera agaciro k’iyo Be maso! Umwigisha umwe yavuze ati: “Iki kinyamakuru kizofasha abanyeshure kurushiriza guhuza n’abavyeyi babo no kwishingira imigambi myiza.” Amashure amwamwe yarashize mu rutonde rw’inyigisho atanga amakuru yo muri ico kinyamakuru. Ayandi na yo yashize ico kinyamakuru mu bitabu bakoresha mu kwimenyereza gusoma. Kw’ishure rimwe, abanyeshure barasabwe kugira icegeranyo c’ivyo basomye muri iyo Be maso! kandi abarushije abandi barahawe agashimwe.

Umunyeshure umwe w’umwigeme yarakunze cane ikiganiro cavuga ngo “Gutsinda urugamba rwo kurwanya ukuvyibuha birenze mu buto” cari muri ico kinyamakuru. Yasiguye ko kuvyibuha birenze ari ingorane iriko irakwiragira hose kandi ko abagenzi biwe bumva ubuyega kuyiganira n’abandi. Yavuze ati: “Mwarakoze cane kuduha impanuro zumvikana kandi zoroshe gushira mu ngiro.”

N’abavyeyi barashimye ico kinyamakuru. Inabibondo umwe yarakengurukiye Ivyabona bari bamugendeye mu kubabwira ati: “Kirimwo impanuro nziza zizofasha umukobwa wanje gukora neza kw’ishure.”

Pichai Petratyotin, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Tayilande, avuga ati: “Be maso! irashira ahabona impanuro kirumara zo muri Bibiliya zifasha cane abantu bo muri iki gihe. Ivyabona vya Yehova baraha agaciro inyigisho. Ni co gituma twahimbawe no guha iki kinyamakuru abantu ata co barishe.”

Raba n'ibindi

Kw’ishure boba baguhaye udukorwa turenze urugero two gukorera i muhira?

Woba urengewe n’udukorwa baguhaye kw’ishure two gukorera i muhira? Ni igiki cogufasha?