Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Iratiro ry’Amabibiliya rishemeza izina rya Yehova

Iratiro ry’Amabibiliya rishemeza izina rya Yehova

Kuva aho twugururiye iratiro ry’Amabibiliya ku cicaro gikuru cacu mu 2013, hari abatugabiye Bibiliya nyinshi z’imbonekarimwe kugira ngo iryo ratiro rirushirize gukomera. Muri zo harimwo Bibiliya y’indimi nyinshi yitwa Polyglotte de Complute be n’integuro ya mbere ya Bibiliya yitwa King James hamwe n’integuro ya mbere y’“Isezerano rishasha” rya Erasmus ryo mu kigiriki.