Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Dushitsa imisi 60 twari twahawe

Dushitsa imisi 60 twari twahawe

Ku wa gatanu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2013, umuryango wa Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe warahimbawe cane igihe wumva Anthony Morris wo mu bagize Inama Nyobozi ashikiriza itangazo rikurikira: “Haragizwe amasezerano yo kugurisha za nyubakwa zitandatu ziri i Brooklyn, kw’ibarabara ryitiriwe Adams inomero 117 be no kw’ibarabara ryitwa Sands Street ku nomero 90. * Amasezerano y’igurishwa ry’inyubakwa ya 1 gushika ku ya 5 asaba ko tuba twavuye muri zo bitarenze hagati y’ukwezi kwa Myandagaro muri uyu mwaka.”

Vyari bitomoye ko gushitsa ivyo kitobaye icoroshe. Uharuye uburinganire bw’ibibanza vyose bigize izo nyubakwa, usanga vyongana n’ibibuga mpuzamakungu 11 vy’umupira w’amaguru! Kandi, twasabwa kuba twavuye muri izo nyubakwa mu misi 60!

Inyubakwa ya 1 gushika ku ya 5 zari zimaze imyaka mirongo zirimwo amamashini yo gucapura no gufatanya ibitabu, mugabo mu 2004 ayo mamashini yarimuriwe i Wallkill muri New York.

Kuva ico gihe, izo nyubakwa zaciye ziba ububiko bw’ibikoresho na ateliye, gutyo zikaba zari zuzuyemwo ibikoresho vy’ubwubatsi n’ibikoresho vyo mu mabiro bikoreshwa mu maporoje y’ubwubatsi yo muri Leta Zunze Ubumwe be no mu bindi bihugu.

Kugira ngo dukure muri izo nyubakwa ivyo bintu vyose muri ico kiringo catanzwe, ibintu vyategerezwa gutunganywa neza. Ubwa mbere, twatanguye guharura ibintu vyose biri muri izo nyubakwa kugira ngo tumenye ivyo tuzogurisha, ivyo tuzota be n’ivyo tuzogumana. Ubukurikira, twaciye dutunganya ingene twokora ico gikorwa mu buryo butarimwo akaga kandi bwiza.

Umuryango wa Beteli warakoze cane kugira ngo ushigikire ico gikorwa. Vyongeye, twaratumiye kuri Beteli abantu 41 baje kudufasha bavyishakiye mu gihe gito. Abo baje bava mu mihingo itandukanye ya Leta Zunze Ubumwe. Benshi muri bo bari abasore b’indyamunyu. Baremeye kuza kudufasha mu biringo vyava ku ndwi zitandatu gushika kuri cumi, bagaheba imiryango yabo, abagenzi n’ubuzi, kugira ngo baze gukora kuri Beteli. None ico gikorwa bakibonye gute?

Jordan w’imyaka 21 yaje ava muri Leta ya Washington. Yavuze ati: “Ese iyo mba narabisavye kare!”

Steven w’imyaka 20, yaje ava i Texas. Yavuze ati: “Numva ndi mu bagize umuryango munini, ugizwe n’abantu bakora cane kandi bahimbawe, ukwiye kw’isi yose.”

Justin w’imyaka 23, yanditse ati: “Aha kuri Beteli, numva nisanze. Itunga ry’ubukerebutsi , urukundo n’ubugenzi vyo mu buryo bw’impwemu birangwa ngaha kuri Beteli, ni igitangaza.”

Adler afise imyaka 20 yaje ava i Puerto Rico yavuze ati: “Kuzinduka vyambera urugamba, mugabo naragiraniye n’abantu ubugenzi buzokwamaho ibihe vyose.”

William na we w’iyaka 21 yavuze ati: “Kuva nkiri muto, namye nipfuza cane kuza kuri Beteli. Nibaza ko nzobura iyo mva n’iyo nja, mugabo nari nihenze. Muri Beteli narahaboneye ibintu vyiza kuruta ibindi vyose mu buzima bwanje! Nta handi mbona hoza haruta kuba ngaha.”

None abo baje gukora bavyishakiye, boba bararangije ico gikorwa ku gihe? Ego cane. Mbere bagikoze mu misi 55 gusa.

^ par. 2 Inyubakwa iri kw’ibarabara ryitwa Sands Street, ku nomero 90 tuzoyivamwo mu 2017.

Raba n'ibindi

Beteli ni iki?

Beteli ni ikibanza kidasanzwe categuwe ku bw’intumbero ihambaye cane. Nurondere kumenya n’ibindi ku bijanye n’abahakorera.