Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ico yaririra yarakironse

Ico yaririra yarakironse

Buri mwaka, abantu ibihumbi mirongo baratemberera ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ahari icicaro gikuru cabo. Aho hantu hitwa Beteli, akaba ari ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “inzu y’Imana.” Abahagendera, baba ari abavuye hafi canke kure, baza kugira bibonere ingene ibitabu vyacu bicapurwa, bamenye ingene igikorwa cacu gitunganijwe canke kugira batemberere abagenzi babo bahakorera. Umwe mu baheruka kuhagendera yari yariteguye bimwe bidasanzwe.

Marcellus ni Icabona ca Yehova aba i Anchorage muri Alaska. Ashoboye kuvuga amajambo makeyi gusa kubera ko haciye imyaka nk’ingahe arwaye indwara yo mu bwonko. Agendera mu gakinga k’abamugaye kandi yama akenera umuntu amufasha muri vyose. Naho biri ukwo, yaripfuza cane kugendera Beteli, kandi ico yaririra yarakironse.

Corey ni umugenzi wiwe yamufashije gutegura urwo rugendo. Avuga ati: “Yari yakobeje. Yama anterefona ambaza aho bigeze. Kubera ko ashoboye gusa kuvuga ‘Ego’ canke ‘Oya,’ nabwirizwa kumubaza ibibazo bitari bike anterefonye.” Ikiyago cabo cari kimeze nk’uku:

“Ushaka nze kukuraba?”

“Oya.”

“Ushaka ndaguterefonere umuganga?”

“Oya.”

“Ni ivya rwa rugendo rwo kuja kuri Beteli?”

“Ego.”

“Rero naca ndamusigurira aho ngejeje imyiteguro. Naranezerewe cane no kuba yarashitse ku mugambi wiwe.”

Kugira agire urwo rugendo, Marcellus yabwirijwe gutsinda intambanyi zitari nke. Kubera ko ata buryo bukwiye yari afise, yamaze imyaka ibiri aziganya amahera y’urwo rugendo rw’ibilometero 5.400 rwamushikanye i New York. Aho rero akaba yabwirizwa no kurondera umuntu amuherekeza kubera indwara afise. Ariko ntiwumve, ntaho yari kuja ataronse uruhusha rw’umuganga amuvura. Nya ruhusha yaruronse hasigaye imisi nk’ingahe ngo afate urugendo.

Igihe Marcellus yashika i New York, yaratemberejwe mu nyubakwa ziri i Brooklyn, i Patterson eka n’i Wallkill. Yarabonye ibimashini amahero bicapura ibitabu n’Amabibiliya yongera aramenya ukuntu igikorwa cacu gitunganijwe. Yaratembereye na rya ratiro ryataziriwe ngo “Bibiliya be n’izina ry’Imana” be n’iryataziriwe ngo “Igisata ku bw’izina rya Yehova.” Yararonse n’abagenzi batari bake. Rwari urugendo rw’intibagirwa koko!

Iyo abagendeye Beteli basabwe kuvuga uko urugendo rwabo rwagenze abenshi nta amajambo baronka adondora uko biyumvise. Ariko Marcellus igihe yabazwa nimba vyari bikwiriye kugira utwo twigoro twose kugira agendere Beteli, yishuye mu buryo bwonyene ashoboye ati: “Ego. Ego. Ego!”

Nk’uko kwa Marcellus, ukugendera Beteli birashobora gukomeza ukwizera kwanyu uko mugize umuryango. Murahawe ikaze ku mabiro y’amashami yacu ari hirya no hino kw’isi. Mweho muzotugendera ryari?

Raba n'ibindi

NI BANDE BARIKO BARAKORA IVYO YEHOVA AGOMBA MURI IKI GIHE?

Beteli ni iki?

Beteli ni ikibanza kidasanzwe categuwe ku bw’intumbero ihambaye cane. Nurondere kumenya n’ibindi ku bijanye n’abahakorera.

NI BANDE BARIKO BARAKORA IVYO YEHOVA AGOMBA MURI IKI GIHE?

Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova?

Abipfuza gutemberezwa ku Biro vyacu vy’ishami ivyo ari vyo vyose barahawe ikaze. Turabahaye ikaze!