Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyabona vya Yehova bahabwa ikaze n’igishika i Atlanta

Ivyabona vya Yehova bahabwa ikaze n’igishika i Atlanta

“Ndakeje abagize ishirahamwe ryanyu kubera icipfuzo n’ishaka bafise vyo gukorera Ubwami bw’Imana. Turaha agaciro kandi turakenguruka cane ingene mugira utwigoro two gufasha Ivyabona bagenzi banyu n’abandi ata co musavye.”

Uko ni ko ikete ryanditswe na Kasim Reed, Umukuru w’igisagara ca Atlanta muri Amerika ryavuga. Iryo kete ryaha ikaze Ivyabona vya Yehova ku bikorane bitatu bininibinini vyari kubera muri ico gisagara.

Abagize inama mpanuzwajambo y’ico gisagara na bo nyene barasohoye itangazo ryo guha ikaze abaje kuri ico gikorane. Ryagira riti: “Kw’isi yose, hari Ivyabona vya Yehova bashika hafi imiliyoni umunani, . . . bava mu bwoko butandukanye, bakavuga indimi zitandukanye kandi bakuriye mu bintu bitandukanye, . . . yamara kuba mufise imigambi imwe bituma mwunga ubumwe. . . . Mushaka gutera iteka Yehova, ya Mana yo muri Bibiliya yarema vyose.”

Harabaye ibikorane bitatu muri Mukakaro na Myandagaro 2014 muri ico gisagara, bibiri bikaba vyabaye mu congereza ikindi na co kiba mu gisupanyoli. Abitavye ivyo bikorane baje bava mu bihugu nka 28, kandi ivyavugwa mu congereza vyaza birasigurwa mu kirusiya no mu kiyapani kugira abavuga izo ndimi babitahure. Abitavye ivyo bikorane bose hamwe bari 95.689.

Mu 2014, Ivyabona vya Yehova baragize ibikorane mpuzamakungu 24 mu bihugu icenda, 16 bikaba vyabereye mu bibanza bitandukanye vyo muri Amerika.

Raba n'ibindi

Ubwami bw’Imana ni iki?

Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde, kandi ni ibiki ubwo Bwami buzoshikako?