Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyabona vya Yehova koba ari akadumbi k’idini?

Ivyabona vya Yehova koba ari akadumbi k’idini?

Oya, Ivyabona vya Yehova si akadumbi k’idini. Ahubwo turi abakirisu dukora uko dushoboye kwose kugira dukurikire akarorero Yezu Kristu yatanze twongere tubeho twisunga ivyo yigishije.

Akadumbi ni iki?

Ijambo “akadumbi” abantu barisigura ugutandukanye. Raba insobanuro zibiri abantu bakunze guha iryo jambo wongere urabe ingene izo nsobanuro zidahuye n’ibitwerekeye.

  • Hari abibaza ko akadumbi ari idini rishasha canke ari idini ry’icaduka. Ivyabona vya Yehova ntibatanguje idini rishasha. Ahubwo nyabuna, mu bijanye no gusenga, twigana akarorero k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere be n’inyigisho bigisha nk’uko bivugwa muri Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16, 17) Twemera ko Ivyanditswe Vyeranda ari vyo umuntu akwiye kwisunga mu bijanye no gusenga.

  • Hari abibaza ko akadumbi ari idini riteye akaga riyoborwa n’umuntu. Ivyabona vya Yehova nta ndongozi y’umuntu bafise. Ahubwo riho, turumira ku ngingo mfatirwako Yezu yahaye abigishwa biwe igihe yavuga ati: “Indongozi yanyu [ni] imwe, ni Kristu.”Matayo 23:10.

Aho kuba akadumbi gateye akaga, Ivyabona vya Yehova bagize idini rigirira akamaro abaririmwo be n’abandi bo mu kibano. Nk’akarorero, igikorwa cacu co kwamamaza carafashije abantu benshi guheba ibintu bibi vyari vyarabiziziye, nko kunywa ibiyayuramutwe no kunywa inzoga zirenze urugero. N’ikirushirije, turigisha abantu gusoma no kwandika hirya no hino kw’isi, tugafasha abantu ibihumbi n’ibihumbi bakabimenya. Kandi twama dutabara abashikiwe n’ivyago. Turihatira kugira akosho keza ku bandi, nka kurya nyene Yezu yabitegetse abigishwa biwe.Matayo 5:13-16.

 

 

Raba n'ibindi

Womenya gute abasenga mu kuri?

Hoba hari idini ry’ukuri rimwe gusa? Raba ibintu bitanu vyerekana abasenga mu kuri.