Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni iki?

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni iki?

Inama Nyobozi ni umugwi mutoyi w’abakirisu bahumuye baronsa ubuyobozi Ivyabona vya Yehova kw’isi yose. Igikorwa cabo kirimwo bibiri:

Inama Nyobozi ikora nka kumwe kw’“intumwa n’abagabo b’inararibonye” b’i Yeruzalemu mu kinjana ca mbere, bano bakaba barafata ingingo zihambaye kw’izina ry’ishengero rya gikirisu ryose. (Ivyakozwe 15:2) Cokimwe n’abo bagabo b’abizigirwa, abagize Inama Nyobozi si bo batwara ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova. Bahanga amaso Bibiliya kugira ibayobore, bakemera icese ko Yehova Imana yagenye Yezu Kristu ngo abe Umukuru w’ishengero.1 Abakorinto 11:3; Abanyefeso 5:23.

Ni bande bagize Inama Nyobozi?

Gushika muri Ntwarante 2016, aba ni bo bari bagize Inama Nyobozi: Samuel Herd, Geoffrey Jackson, Stephen Lett, Gerrit Lösch, Anthony Morris III, Mark Sanderson na David Splane. Bakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i Warwick, i New York muri Amerika.

Inama Nyobozi itunganijwe gute?

Inama Nyobozi yarashizeho amakomite atandatu ngo ahagarikire ibikorwa bitandukanye turangura, kandi umwe wese usanga akorera muri komite imwe canke zirenga.

  • Komite y’abahuzabikorwa: Ni yo ijejwe ibibazo bijanye n’amategeko ikongera ikahaseruka igihe hateye ivyago vy’ivyaduka.Irahaseruka kandi igihe Ivyabona vya Yehova bariko barahamwa kubera ukwemera kwabo canke igihe bashikiwe n’izindi ngorane zihutirwa.

  • Komite nshingwabakozi: Ni yo ijejwe ibijanye n’abagize umuryango wa Beteli.

  • Komite nshingwasohora: Ni yo ihagarikira igikorwa co gusohora no kurungika ibitabu bishingiye kuri Bibiliya hamwe n’igikorwa co kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo, ibiro vy’ubuhinduzi n’inyubakwa z’amashami.

  • Komite y’umurimo: Ni yo ihagarikira igikorwa co kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami.”Matayo 24:14.

  • Komite nshingwanyigisho: Ni yo ihagarikira igikorwa co gutegura inyigisho zitangwa biciye ku makoraniro ajanye n’ugusenga, ku mashure no ku biganiro vyo kwumviriza no kurorera.

  • Komite nshingwayandika: Ni yo ihagarikira igikorwa co gutegura inyigisho zitangwa mu bitabu no ku muhora wacu, ikongera igahagarikira igikorwa c’ubuhinduzi.

Uretse ivyo bikorwa abagize Inama Nyobozi barangurira muri ayo makomite, buri ndwi baragira inama kugira bihweze ibikenewe mw’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova. Muri izo nama, bararaba ico Bibiliya ivuga, bakareka bakayoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana, bakihatira gufata ingingo bahurijeko bose.Ivyakozwe 15:25.

Ni bande bafasha abagize Inama Nyobozi?

Ni abakirisu b’abizigirwa bafasha mu makomite atandukanye y’Inama Nyobozi. (1 Abakorinto 4:2) Baba bamenyereye igikorwa komite barimwo ihagarikiye, kandi baritaba inama iyo komite igira buri ndwi. Naho batagira uruhara mu gufata ingingo, baraterera ivyiyumviro ngirakamaro bagatanga n’ayandi makuru bazi, barafasha kugira ingingo zafashwe zishirwe mu ngiro bakongera bakaza barakurikirana kugira barabe ikivamwo. Inama Nyobozi yoshobora kubasaba kugendera Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi canke ikabasaba gutanga inyigisho kuri rya koraniro riba buri mwaka canke igihe abasohotse ishure rya Gileyadi baronswa impapuro z’umutsindo.

URUTONDE RW’ABAFASHA

Komite

Izina

Y’abahuzabikorwa

  • Ekrann, John

  • Wallen, Robert

 

Nshingwabakozi

  • Grizzle, Gerald

  • LaFranca, Patrick

  • Molchan, Daniel

  • Walls, Ralph

 

Nshingwasohora

  • Adams, Don

  • Butler, Robert

  • Corkern , Harold

  • Gordon, Donald

  • Luccioni, Robert

  • Reinmueller , Alex

  • Sinclair, David

 

Y’umurimo

  • Breaux, Gary

  • Dellinger, Joel

  • Hyatt, Seth

  • Mavor, Christopher

  • Perla, Baltasar, Jr.

  • Turner, William, Jr.

  • Wallen, Robert

  • Weaver, Leon, Jr.

 

Nshingwanyigisho

  • Curzan, Ronald

  • Flodin, Kenneth

  • Malenfant , William

  • Noumair, Mark

  • Schafer, David

 

Nshingwayandika

  • Ciranko, Robert

  • Mantz, James

  • Marais , Izak

  • Smalley, Gene

 

Raba n'ibindi

Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?

Bibiliya iravuga igituma n’ukuntu abakirisu b’ukuri bagize ishirahamwe.

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ikora gute muri iki gihe?

Mu kinjana ca mbere, umugwi mutoyi w’abagabo b’inararibonye be n’intumwa ni bo bari bagize inama nyobozi y’ishengero rya gikirisu. Bite ho muri iki gihe?

Ivyabona vya Yehova boba bafise abakuru bahembwa?

Hoba hari abitwa ko ari abakuru n’abitwa ko ari abakirisu basanzwe? Ni bande ari abasuku bemewe?