Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Mwoba muharira ivomo abahoze mw’idini ryanyu?

Mwoba muharira ivomo abahoze mw’idini ryanyu?

Ababatijwe bakaba Ivyabona vya Yehova mugabo bakaba batakibwira abandi inkuru nziza, kandi bakaba batacifatanya n’abo basangiye ugusenga, abo ntibaharirwa ivomo. Ahubwo turabashikira tukagerageza kubavyurira umutima wo gusubira gukunda ivy’Imana.

Uwukoze icaha gikomeye ntiduca tumuca mw’ishengero. Ariko rero, iyo Icabona ca Yehova yabatijwe agize akamenyero ko kurenga ku mategeko ya Bibiliya agenga inyifato runtu ntiyigaye, araheza agacibwa. Bibiliya itomora iti: “Nimukure uwo mubisha muri mwebwe.”—1 Abakorinto 5:13.

Bite ho mu gihe umugabo aciwe ariko umugore wiwe n’abana bakaba bakiri Ivyabona vya Yehova? Haragira igihindutse ku vyabahuza mu vy’ugusenga, ariko ubucuti bw’amaraso n’igishika co mu muryango bigumaho. Umubano wabo w’ababiranye n’ubuzima bwo mu rugo birabandanya.

Abaciwe barashobora kwitaba amakoraniro tugira ajanye n’ugusenga. Babishatse, abakurambere b’ishengero barashobora kubaronsa impanuro zo mu vy’Imana kugira basubire kuba Ivyabona vya Yehova. Abaciwe bavavanuye n’inyifato itabereye maze bakerekana ko bashaka vy’ukuri kubaho bisunga amategeko yo muri Bibiliya, bama barindiranywe igishika ko bagaruka mw’ishengero.