Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Amahera mukoresha ava hehe?

Amahera mukoresha ava hehe?

Amahera akoreshwa mu bijanye n’igikorwa cacu co kwamamaza ahanini ava mu ntererano Ivyabona vya Yehova batanga bavyishakiye. Nta mahera atozwa mu gihe c’amakoraniro y’ivy’ugusenga tugira, eka kandi nta bigiracumi bisabwa. (Matayo 10:7, 8) Ahubwo, udusandugu two gushiramwo intererano turashirwa aho tugirira amakoraniro kugira ngo uwipfuza guterera aterere. Ivyo bigirwa mw’ibanga.

Impamvu ituma dusohora amahera agereranye ni uko ata bakuru b’idini dufise bahembwa. N’ikindi kandi, Ivyabona ntibahemberwa igikorwa bakora co kwamamaza inzu ku nzu, kandi ibibanza vyacu vyo gusengeramwo birabayabaye.

Intererano zose zirungikwa ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova zikoreshwa mu kugarukira ku bashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka, mu gufasha abamisiyonari bacu n’abakora igikorwa co kugendera amashengero, mu gikorwa co kwubaka amazu dusengeramwo mu bihugu biri mu nzira y’amajambere be no gucapura no kurungika amabibiliya n’ibindi bitabu vya gikirisu.

Umuntu ni we yihitiramwo nimba ashaka gutanga intererano zo gukoresha mw’ishengero arimwo, mu gikorwa cacu kirangurirwa kw’isi yose canke hompi. Buri shengero ryama rimenyesha abarigize ukuntu ivy’amahera vyifashe.