Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Iwanyu hoba hari abagore bavuga ubutumwa?

Iwanyu hoba hari abagore bavuga ubutumwa?

Ego. Ivyabona vya Yehova bose baravuga ubutumwa, ushizemwo n’abagore amamiliyoni. Nkako, Bibiliya yari yaravuze ko ‘abagore batangaza inkuru nziza ari benshi.’Zaburi 68:11.

Ivyabona vya Yehova b’abagore bakurikira akarorero basigiwe n’abagore bavugwa muri Bibiliya. (Imigani 31:10-31) Naho batarangura amabanga yo kuyobora abandi mw’ishengero, baragira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kubwira abantu inkuru nziza. Barigisha kandi abana babo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Imigani 1:8) Mu mvugo no mu ngiro, barihatira kugira akosho keza ku bandi.Tito 2:3-5.