Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

ICOFASHA UMURYANGO

Wofasha gute umwana wawe kugira aronke amanota meza?

Wofasha gute umwana wawe kugira aronke amanota meza?

Umwana wawe asa n’uwutitaho ishure; ntakora udukorwa two muhira bamuha kw’ishure kandi no kwiga ntiyiga. Ivyo bica bivamwo iki? Aca aguma aronka amanota mabi kandi n’inyifato yiwe igatera ihinduka. None wofasha gute umwana wawe kugira aronke amanota meza?

 Ico ukwiye kumenya

Kumuhata ngo yige bituma ingorane yunyuka. Guhata umwana bituma ahagarika umutima, yaba ari kw’ishure canke muhira. Kugira yitururuze, yoshobora kuza arabesha, kuza aranyegeza amanota, kuza arisinyira ku mpapuro z’amanota canke kuza arasiba kw’ishure. Nta kindi vyomara atari ukwunyura ingorane.

Kumuha udushimwe si wo muti. Sebibondo yitwa Andrew avuga ati: “Kugira dutere intege umukobwa wacu, twaramuha udushimwe igihe yaba yaronse amanota meza, ariko ivyo vyatumye ashira umutima kuri utwo dushimwe gusa. Igihe yaba yaronse amanota mabi, yababazwa n’uko ataza kuronka agashimwe aho kubabazwa n’uko yaronse amanota mabi.”

Guta amakosa ku mwigisha nta co bifasha umwana. Umwana arashobora guca yibaza ko kuronka amanota meza bidasaba akigoro. Birashobora kandi gutuma aza aregeka ku bandi amakosa akora kandi akitega ko abandi ari bo batora umuti w’ibibazo afise. Ivyo bizotuma atamenya ikintu gihambaye kizomufasha niyakura, na co kikaba ari ukwemera ko ivyo yakoze bija ku gahanga kiwe.

 Ico wokora

Nucungere ishavu. Nimba wumva ushavuye, ntuganire n’umwana wawe ibijanye n’amanota. Vyoba vyiza mubiganiriye ikindi gihe. Sebibondo yitwa Brett avuga ati: “Twe n’umukenyezi wanje twaragize ibintu vyiza dushitseko igihe twaba dutekanye kandi dufise impuhwe.”

Impanuro yo muri Bibiliya: Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.”​—Yakobo 1:19.

Rondera aho ingorane iri. Imvo zikunze gutuma umwana aronka amanota mabi ni ugutotezwa kw’ishure, guhindagura amashure, kugira ubwoba mu bibazo, ingorane zo muhira, kudasinzira neza, kutagira urutonde rwiza canke kutitunira ku vyigwa. Ntushoke wiyumvira ko umwana wawe ari umunebwe.

Impanuro yo muri Bibiliya: Uwerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse mu kintu, azoronka ivyiza.”​—Imigani 16:20.

Nutume umwana wawe yoroherwa no kwiga. Numugirire urutonde rwo kwiga no gukora udukorwa bamuha kw’ishure. Nurondere ikibanza kitagiramwo ibisamaza nka televiziyo canke telefone umwana wawe yokoreramwo udukorwa two kw’ishure. Ibiringo vyo gukora utwo dukorwa nubigire bigufibigufi kugira umwana ashobore kworoherwa no kwitunira kuri utwo dukorwa. Sebibondo wo mu Budagi yitwa Hector avuga ati: “Iyo ibibazo vyegereje, tuza turasubiramwo dukeduke buri musi aho kurindira gushika ku munota wa nyuma.”

Impanuro yo muri Bibiliya: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.”​—Umusiguzi 3:1.

Mubwire akamaro ko kwiga. Uko umwana azorushiriza gutahura ko ishure rimugirira akamaro n’ubu aciga, ni ko azorushiriza kugira umwete. Nk’akarorero, icigwa c’ibiharuro kirashobora kumufasha kubona ukuntu yoza araziganya uduhera twiwe.

Impanuro yo muri Bibiliya: “Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera. . . . Buhe agaciro rwose.”​—Imigani 4:5, 8.

Impanuro: Nufashe umwana wawe gukora agakorwa ko muhira, ariko ntukamukorere. Andrew avuga ati: “Umukobwa wacu yashaka ko ari twe tumubwira inyishu aho kuyironderera.” Niwigishe umwana wawe kwikorera agakorwa ko muhira.