Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

Zirikana gatoyi!

Raba ivyashikiye Rasheli. Yari amenyereye kuronka amanota meza cane. Aho ashikiye mu w’indwi ibintu vyarahindutse. Rasheli avuga ati: “Nta ko umwigisha atagize ngo nanirwe mu cigwa ciwe.” None ingorane yari ihagaze he? Uwo mwigisha yaratomoreye Rasheli na nyina wiwe ko adakunda idini ryabo.

Abigisha ni nk’amabuye yo kujabukirako ashobora kugufasha kujabuka ukava mu bujuju, ariko utegerezwa gutambuka

Uti none vyagenze gute? Rasheli avuga ati: “Igihe cose bibonetse ko umwigisha yankosoye nabi ampora umwikeko, twaca tujana na mama tukabiyaga na we. Yahavuye areka kumerera nabi.

Niwaba ufise ingorane nk’iyo, ntiwitinye kuyiyaga n’abavyeyi bawe. Ntibazobura guhimbarwa no kuganira na nya mwigisha hamwe kumbure n’umuyobozi w’ishure kugira itorerwe umuti.

Mu vy’ukuri, ingorane zose zigoye ufise ntizizoca ziva mu nzira. Hari aho vyosaba ko wihangana. (Abaroma 12:17, 18) Uwitwa Tanya avuga ati: “Umwe mu bigisha banje yabona nabi abanyeshure biwe. Yarakunda kudutuka, akatwita ibijuju. Mu ntango nararira, ariko nahavuye niga kwihanganira ibitutsi vyiwe. Narituniye ku gikorwa canje kandi nguma nitaho cane icigwa ciwe. Ivyo vyatumye ataba akimbuza amahoro cane, bituma kandi mba muri bakeya baronse amanota meza. Haciye imyaka ibiri, yarirukanywe mu kazi.

Iciyumviro nyamukuru: Niwige ingene wovyifatamwo imbere y’umwigisha agoye, maze uzokwironkera ubuhanga buzogufasha mu buzima, ubuhanga buzogufasha igihe uzoba ufise umukoresha agoye. (1 Petero 2:18) Bizokwigisha kandi gushima abigisha beza niwabaronka.