Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Utu dukorwa twose bampaye kw’ishure ndatuva imbere gute?

Utu dukorwa twose bampaye kw’ishure ndatuva imbere gute?

Ivyo wokora

Rondera ahantu heza wigira. Hakwiye kuba hatagira ibisamaza. Nukoreshe imeza nimba bishoboka. Nuzimye televiziyo canke iradiyo.

Umwanya umeze nk’ifarasi ikubagana: utegerezwa kumenya ingene uwucungera

Nushinge ibija imbere. Kubera ko ivyigwa vyawe bihambaye, niwiyemeze kubanza gukora udukorwa baguhaye kw’ishure.

Ntube nzobandabikora. Niwishingire urutonde rutomoye rwo gukora udukorwa baguha kw’ishure kandi urwubahirize.

Nugire urutonde. Nushinge ico ukwiye guherako, ico wokurikizako, gutyogutyo. Nuvyandike ku rupapuro, kimwe cose ugishingire umwanya ntarengwa. Ico uhejeje nuce ugicamwo umurongo.

Nuze uracishamwo uruhuka. Wumvise ubwenge butanguye kuyama, numire amate. Ariko rero, nuce ugaruka ku gakorwa kawe vuba bishoboka.

Niwizigire ko ubishoboye. Niwibuke ko itandukaniro hagati y’umunyeshure mwiza n’umunyeshure mubi akenshi ritaba rihagaze ku bwenge ariko riba rihagaze ku mwete. (Imigani 10:4) Urashoboye rero kwiga ukamenya. Nugire utwigoro, urabe ingene uzokwironkera ivyiza vyinshi.