Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

URWARUKA RURIBAZA

Nkwiye kubona gute amategeko abavyeyi banje banshingira?

Nkwiye kubona gute amategeko abavyeyi banje banshingira?

Ushobora kuba uzi abakiri bato mungana bitahira igihe bashaka, bambara uko bashaka, kandi bashobora kujana n’abagenzi babo aho bashatse hose n’igihe cose bashakiye. Kumbure abavyeyi babo usanga bafise vyinshi bibafatira ku buryo batamenya ivyo abana babo barimwo.

Bibiliya irerekana ko kurera abana gutyo ata co bivamwo. (Imigani 29:15) Urukundo ruke tubona mw’isi ruva ahanini ku kuba abantu bitaho ivyabo gusa, benshi muri bo bakaba bakuriye mu miryango irekerana ibintu.—2 Timoteyo 3:1-5.

Aho kwipfuza kumera nk’abakiri bato bakora ivyo bishakiye, nugerageze kubona ko amategeko abavyeyi bawe bagushingira ari ikimenyamenya c’uko bagukunda kandi bakwitaho. Mu kugushingira uturimbi twumvikana, baba biganye Yehova Imana, uwabwiye abasavyi biwe ati:

“Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo. Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe.”—Zaburi 32:8.