Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

URWARUKA RURIBAZA

Bite hamwe noba narenze itegeko ryo muhira?

Bite hamwe noba narenze itegeko ryo muhira?

Ehe ico wokora kugira ngo ntiwunyure ibintu.

Nuvuge ukuri. Nturemareme ibinyoma. Hamwe wobigenza gutyo, vyotuma abavyeyi badasubira kukwizigira na gato. Nuvugishe ukuri rero, kandi uvuge ibintu nk’uko biri.Imigani 28:13.

  • Niwirinde kwisigura canke gufatira mu rwara ivyabaye.

  • Niwame kandi wibuka ko “inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.”—Imigani 15:1.

Nusabe ikigongwe. Birabereye ko wereka abavyeyi bawe yuko wicuza kubona watumye bahagarika umutima, wabahemukiye canke wabahaye akazi kiyongereye, kandi ivyo vyoshobora kugabanya igihano wari kuronka. Ariko rero ukwicuza kwawe gukwiye kuba kuvuye ku mutima.

Niwemange inkurikizi. Kwemanga inkurikizi z’ivyo wakoze ni icerekana ko uri umuntu ahumuye. Icoba ciza kuruta hari aho kwoba ari ukugerageza gutuma abavyeyi bawe basubira kukwizigira.—Imigani 20:11.

Niwibuke ko abavyeyi bawe bafise ibanga ryo gucungera ivyo ukora batarinze kurenza urugero. Ni co gituma Bibiliya ivuga ibijanye n’“ibwirizwa rya so wawe” be n’“itegeko rya nyoko wawe.Imigani 6:20.

Nimba ushaka ko abavyeyi bawe baguha umwidegemvyo wiyongereye:

  • Nugire akamenyero ko gukurikiza amategeko baguha.

  • Nugerageze gutuma ukugamburuka kuba mu bikuranga.