Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Nonanira gute inyosha mbi?

Nonanira gute inyosha mbi?

Ivyo wokora

Ubwa mbere, numenye ko ari wewe ubazwa ivyo ukora, naho abagenzi bawe boba bakora ibiki.

Ubwa kabiri, numenye inyosha mbi ikubangamira kuruta izindi.

Ubukurikira, niwibaze uti: ‘Ni ryari vyoshoboka cane ko iyo nyosha mbi inshikira?’ (Ndi kw’ishure? Ndi ku kazi? Ndi ahandi?) Kumenya igihe inyosha mbi ishobora kuza vyoshobora no kugufasha kuyizibukira.

Ubu, uriteguriye rero kugira ico ukoze. Ikintu ukwiye gukora imbere y’ibindi vyose ni ukwiyumvira ukuntu wogabanya canke ugakura mu nzira ibigushira imbere y’iyo nyosha mbi. (Akarorero: Nimba igihe uvuye kw’ishure wama uhura n’abo mwigana bakwosha ngo munywe itabi, kumbure woshobora guca mu yindi nzira kugira ubazibukire.) Ico utokwibagira: Abitwa ngo ni abagenzi ariko bakakwosha gukora ikintu kibi, mu vy’ukuri ntibaba ari abagenzi bawe.

Igihe woroheye inyosha mbi, uba ubaye umuja w’ivyipfuzo vyawe

Ariko ntiwumve, ntushobora kwirinda inyosha mbi zose. Bitebe bitebuke, ntuzobura guhura n’iyikomeye bimwe bidasanzwe, kumbure mu gihe utari uyiteze. Wokora iki none?

Umuti ni ukwitegura!

Zirikana iki kintu: Yezu yari asanzwe azi aho ahagaze ku bijanye n’ibibazo vyerekeye ikibereye n’ikitabereye. Yari yiyemeje kugamburukira Se wiwe ibihe vyose. (Yohani 8:28, 29) Umuti rero ni ukumenya imbere y’igihe aho uhagaze.

Umwimenyerezo: Niwiyumvire imvo zibiri zikwiye gutuma unanira inyosha mbi ikunze kugushikira cane, uce wiyumvira ibintu bibiri wokora ngo uyinanire.

Kubera iki none woreka ukaganzwa n’abandi? Ba umugabo, ukore ico uzi ko kibereye. (Abakolosayi 3:5) Vyongeye, nusenge kugira ubandanye ukora gutyo.—Matayo 6:13.

 

 

Raba n'ibindi

Ingene wotsinda akosho k’urunganwe

Akosho k’urunganwe karashobora gutuma abantu bameze neza bakora ibintu bibi. Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye ako kosho, kandi wogatsinda gute?

Woba uriko uhatirwa kurangura amabanga mpuzabitsina?

Woba ukwiye kwemera? Woba uzokwicuza?