Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro vy’uguhuza ibitsina?

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro vy’uguhuza ibitsina?

Ivyo wokora

Nurabe neza abo mwifatanya abo ari bo. Igihe abagenzi bawe be n’abo mwigana batanguye kuyaga ivy’ubuhumbu, kujamwo muri ico kiyago nta kindi bizogufasha atari ugutuma bikugora gucungera ivyiyumviro vyawe. Akenshi urashobora kurondera uburyo uhava utiriwe uriyerekana ko uri umugororotsi bigatuma bagutyekeza.

Woba woreka umuntu agashira ishano mu bifungurwa vyawe? Kubera iki none woreka ivyiyumviro vy’ubuhumbu bikinjira mu muzirikanyi wawe?

Niwirinde ukwisamaza kurimwo ubuhumbu. Ukwisamaza kwo muri iki gihe usanga ahanini kugenewe gukabura inambu y’umubiri. None Bibiliya iduhanura iki? Ivuga iti: “Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Abakorinto 7:1) Niwamirire kure ukwisamaza kwose kwohava kuvyura muri wewe inambu y’umubiri.

Wibuke iki kintu: Inambu y’umubiri ubwayo si mbi. Nakare, Imana yaremye umugabo n’umugore ku buryo biyumvanamwo cane, umubano w’abubatse ukaba ari intunganyo ibereye ituma bahaza iyo nambu y’umubiri. Bishitse ukumva inambu y’umubiri ikaze, ntuce wiyumvira yuko uri umuntu mubi cane canke ko udashobora kubaho wigenza runtu.

Iciyumviro nyamukuru: Urashobora guhitamwo ivyo umuzirikanyi wawe uzoguma wiyumvira. Ubishatse, urashobora kuguma udahumanye mu vyo wiyumvira no mu nyifato yawe!