Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Noronka gute amanota meza?

Noronka gute amanota meza?

Ivyo wokora

Nubone ibintu mu buryo bwiza! Ntiwihende wibwira ko ata co ushoboye kuryohora. Igihe usugerejwe n’ivyiyumviro biguca intege, nuce ubisubiriza ibiremesha. Nk’akarorero, igihe abantu banebagura ubushobozi Paulo yari afise bwo kuvuga (kumbure bakaba barihenda) yishuye ati: “Naho ntari umuhanga mu kuvuga, si ko ndi vy’ukuri mu bumenyi.” (2 Abakorinto 10:10; 11:6) Paulo yari azi aho agoyagoya, ariko kandi yari azi aho akomeye. Weho bite? Ububangukirwe bwawe ni ubuhe? Nimba ata bwo uzi, ubona gute ubajije umuntu akuze asanzwe akwitwararika? Umugenzi nk’uwo arashobora kugufasha kumenya ububangukirwe ufise no kubukoresha neza.

Nube umuntu akunda kwiga. Nta yindi nzira yo kumenya kw’ishure atari ukwiga. Uvyanka canke ubikunda, utegerezwa kwiga. Ego ni ko iryo jambo ubwaryo ryoshobora kukurya mu mutwe. Ariko rero, kwiga ni vyiza. Kukaba nkako, wongereje umwete gatoyi, woshobora gusanga bikuryoheye. Ariko rero, kugira wishingire urutonde rwiza rwo kwiga urakeneye gukoresha neza umwanya wawe. Uribuka ko kwiga ari vyo biza imbere y’ibindi igihe ukiri ku ntebe y’ishure. Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya ivuga ko hariho “igihe co gutwenga” be n’“igihe co kwikina amatavu.” (Umusiguzi 3:1, 4; 11:9) Ku bw’ivyo, woshobora kuba ukeneye umwanya wo kwisamaza nk’abandi bakiri bato bose. Yamara rero, mu Musiguzi 11:4 hagabisha hati: “Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.” None icigwa ni ikihe? Nubanze wige, kwisamaza bize mu nyuma. Ntuhagarike umutima, urashobora kubironkera umwanya vyompi!

Nka kurya nyene guterura ivyuma bishobora gutuma imirya yawe ikomera, kuba umuntu akunda kwiga birashobora gutuma ukora neza kw’ishure.