Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

URWARUKA RURIBAZA

Noganira gute n’abavyeyi banje ibijanye n’amategeko banshingira?

Noganira gute n’abavyeyi banje ibijanye n’amategeko banshingira?

Ico ukeneye: Ubuhanga bwo kuyaga

Ukuyaga ni ikintu gikenewe cane kugira ngo

  • abandi bagutahure.

  • utahure igituma batakwemerera ivyo uba ushaka.

Mu vy’ukuri, kugira ushobore kuronka uduteka duhabwa abantu bakuze, birumvikana ko ukwiye kwiga kuyaga nk’abantu bakuze. None ivyo wobigira gute?

Niwige gucungera inyiyumvo zawe. Kuyaga neza n’abandi bisaba kwigumya. Bibiliya ivuga iti: “Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo.Imigani 29:11.

Uti none wogira iki? Niwirinde kwidoga, gufyura iminwa no kwishavuza nk’umwana. Inyifato nk’iyo ntizotuma uronka umwidegemvyo wiyongereye, ahubwo izotuma ushirirwaho ayandi mategeko.

Nugerageze gutahura abavyeyi bawe. Akarorero: Dufate ko abavyeyi bawe bakwankiye kuja ku rubanza runaka. Aho guharira na bo, woshobora kubabaza uti:

“Mubona gute njanye n’umugenzi akuze kandi yizigirwa?”

Na ho nyene, abavyeyi bawe boshobora kutakwemerera. Ariko nimba utahura ibibahagaritse umutima, urashobora kuronka ikindi ciyumviro kibereye wotanga.

Kugamburukira abavyeyi ni nko kuriha ideni muri banki. Iyo wishura ku gihe, baca barushiriza kukwizigira

Nutume abavyeyi bawe bakwizigira. Dufate akarorero k’umuntu yaguranye amahera mw’ibanki. Igihe aza arariha ku gihe, iyo banki irarushiriza kumwizigira, mbere igashobora no kuzomuha irindi deni.

No muhira ni ukwo. Ni nk’aho ufitiye abavyeyi bawe ideni ryo kubagamburukira. Niwaguma ubahemukira, ntuzotangare niwabona batakikwizigira.

Ariko ubaye umwizigirwa, mbere no mu tuntu dutoduto, abavyeyi bawe bazorushiriza kukwizigira.