Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

URWARUKA RURIBAZA

Ingorane zo mu ntango y’ubuyabaga nozifatamwo gute?

Ingorane zo mu ntango y’ubuyabaga nozifatamwo gute?

“Intango y’ubuyabaga si ikiringo kiryoshe ku bakobwa. Kirababaza, kiratuma wumva ushishwe, kigatesha n’umutwe. Ibiranga ico kiringo nka vyose birababaje!”—Oksana.

“Mu mwanya umwe naba nezerewe, mu wundi nkaba nshavuye. Sinzi ko ari ko bimeze ku bandi bahungu, ariko jewe vyaranshikiye.”—Brian.

Intango y’ubuyabaga ni nk’ukurya umunyenga ku gitumbatumba canke ku ruvuma. Biraryoha bikongera bigatera ubwoba! Wovyifatamwo gute muri ico kiringo kitoroshe?

 Intango y’ubuyabaga ni iki?

Muri make, ni ikiringo ucamwo mu buzima kigushikana mu bigero. Muri ico kiringo, umubiri wawe n’ukuntu wiyumva birahinduka ningoga. Ku mubiri wawe no mu nkabuzo zo muri wo, haraba amahinduka agutegurira kurondoka.

Ariko ntiwumve, ivyo ntibisigura ko uba ugeze kuba umuvyeyi. Ahubwo, intango y’ubuyabaga ni ikimenyetso c’uko uriko urava mu bwana, ivyo bikaba bishobora gutuma wumva ushashaye kuba umuntu akuze ariko kandi bikakubabaza.

Umwimenyerezo: Wibaza ko umuntu atangura ubuyabaga afise imyaka ingahe?

  • 8

  • 9

  • 10

  • 11

  • 12

  • 13

  • 14

  • 15

  • 16

Inyishu: Muri iyo myaka yose, birashoboka.

Birumvikana rero ko udakwiye guhagarika umutima nimba uriko urashikana imyaka 15 ariko ukaba utarabona na kimwe mu biranga ico kiringo, canke na ho bikaba vyaratanguye utaranakwiza imyaka 10. Ico kiringo gitangurira aho gishakiye, kandi nta kintu ushobora guhindura.

Intango y’ubuyabaga ni nk’ukurya umunyenga. Birashobora kuryoha bikongera bigatera ubwoba. Ariko urashobora kuvyifatamwo neza

 Ibihinduka ku mubiri

Kimwe mu bintu biboneka cane biranga ico kiringo ni ukuvumbuka mu gukura. Ingorane ihaba ni uko ibihimba vyose vy’umubiri bidakurira rimwe. Ntibigutangaze rero ubonye utambuka canke ukora ibintu mu buryo budatumbereye neza. Numenye yuko ibihimba vyose bizoteba bikaringanira.

Hari n’ibindi bihinduka ku mubiri muri ico kiringo.

Ku bahungu:

  • Ugukura kw’ibihimba vy’irondoka

  • Ubwakwaha, kumera ubwoya ku bihimba vy’irondoka n’ubwanwa

  • Guhinduka ijwi

  • Ukuvyuka kw’inambu y’umubiri bitakuvuyeko n’ukurota nabi

Ku bakobwa:

  • Kumera amabere

  • Ubwakwaha no kumera ubwoya ku bihimba vy’irondoka

  • Gutangura kuja mu kwezi

Kuri bose:

  • Kunuka iyasho bivuye ku ntuguta be n’utunyabuzima twitwa amabagiteri two ku mubiri wacu.

    Impanuro: Urashobora kugabanya ukwo kunuka iyasho mu kwoga kenshi no mu kwisiga ibituma umota neza canke udatugutirwa.

  • Kugira amahere kubera amabagiteri aba yugaraniwe mu mubiri.

    Impanuro: Naho bitoroshe kuyirinda, kwoga kenshi mu maso no gukoresha amavuta n’amasabuni yabigenewe birashobora gufasha.

 Ibihinduka mu kuntu wiyumva

Uretse ko iyongerekana ry’inkabuzo ritera amahinduka ku mubiri muri ico kiringo, riragira n’ico rikoze ku kuntu wiyumva. Rirashobora mbere gutuma uburyo wiyumva buhindagurika cane.

“Igihe kimwe urarira, ikindi ukaba umeze neza. Umwanya umwe urashavura, uwundi mwanya ukaba wigungiye ukwawe wacitse intege.”—Oksana.

Mu ntango y’ubuyabaga, abakiri bato benshi bararazwa ishinga n’uko baboneka, nk’aho umengo uwubaravye wese abacishijemwo ijisho. Ivyo na vyo bikunyurwa n’uko uba uriko urahinduka cane ku mubiri!

“Igihe natangura gukura, nagenda ntunye amabega nkambara n’amashati yagutse. Naho nari nzi igituma umubiri wanje uriko urahinduka, vyarantera isoni bikambuza amahoro. Sinumva ibiriko birambako.”—Janice.

Kumbure ihinduka rikomeye riba mu bijanye n’ukuntu wiyumva ni ukuntu uca utangura kubona abo mudasangiye igitsina.

“Naratanguye kubona ko abahungu bose batarambira. Hari abo nabona bakanshimisha vy’ukuri, kandi n’ivyo gukundana nari nsigaye mbona ko atari bibi. Mbere kuvuga ngo uyu akundana n’uriya vyari bisigaye ari ikiyago dukunda.”—Umwigeme yitwa Alexis.

Muri ico kiringo, hari n’abo bishika bakumva barakunze abo basangiye igitsina. Bigushikiye, ntuce wibaza ko uri uwo mu bakunda abo basangiye igitsina. Akenshi birahera uko haca igihe.

“Kubera ko naguma nigereranya n’abandi bahungu, naratanguye kubakunda. Haciye imyaka, ni ho natanguye gukunda abakobwa. Ubu ivyo gukunda abahungu vyaraheze.”—Alan.

 Ivyo wokora

  •  Gerageza kubona ibintu neza. Mu bisanzwe, ayo mahinduka aba ku mubiri no mu kuntu wiyumva arakenewe. Arashobora gutuma wibonera ko ivyo umwanditsi w’amazaburi yavuze ari ukuri, uwagize ati: “Ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba.”Zaburi 139:14.

  • Irinde kwigereranya n’abandi no kurazwa ishinga birenze n’ukuntu uboneka. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.”1 Samweli 16:7.

  • Niwinonore imitsi wongere uruhuke bihagije. Kuryama bihagije bizokurinda kuza urashavura cane, guhagarika umutima birenze no kwama ubabaye.

  • Suzuma ivyo wiyumvira ku bikwerekeye. Ubwo vy’ukuri abantu bose baba bariko barakuraba nk’uko uvyibaza? Bishitse abantu bakagira ivyo bavuze ku kuntu uriko urakura, ntuce upfa kuvyemera. Bibiliya ivuga iti: “Ntushire umutima wawe ku majambo yose abantu bovuga.”Umusiguzi 7:21.

  • Niwige kwigumya igihe bishitse ukagira inambu y’umubiri kugira ntuhave ugira uko igize. Bibiliya ivuga iti: “Nimuhunge ubusambanyi. . . . Uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.”1 Abakorinto 6:18.

  • Nuyagire umuvyeyi wawe canke uwundi muntu akuze wizigira. Ni ivy’ukuri ko mu ntango vyoshobora kugutera isoni. Ariko niwagira ako kigoro uzoronka imfashanyo ukeneye.Imigani 17:17.

Iciyumviro nyamukuru: Intango y’ubuyabaga ntiyoroshe. Ariko iraguha akaryo ko gukura ku mubiri no mu bwenge, ukanarushiriza kwiyegereza Imana.1 Samweli 2:26.