Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Noba nkwiye guheba ishure?

Noba nkwiye guheba ishure?

Ehe ivyo ukwiye kuzirikanako

Aho iwanyu amategeko asaba ko umunyeshure yiga n’imiburiburi imyaka ingahe? Woba umaze kwiga iyo myaka? Wanse kwumvira impanuro Bibiliya itanga yo ‘kuyobokera abakuru bari hejuru’ ugahagarika amashure utararangiza iyo myaka, uba uhevye ishure.—Abaroma 13:1.

Woba umaze gushika ku migambi yawe ijanye n’amashure? Ni imigambi iyihe wipfuza gushikako ubifashijwemwo n’amashure uriko uriga? Woba ata yo uzi neza? Urakeneye kuyimenya, ahandiho woba umeze nk’umuntu ari mu muduga canke mw’igariyamoshi mugabo atazi iyo ashaka kuja. Ku bw’ivyo, nufate akanya uri kumwe n’abavyeyi bawe maze muganire ibiri ahavuga ngo “ Imigambi yanje ijanye n’amashure.” Niwahagarika amashure utarashika ku migambi mwe n’abavyeyi bawe mwumvikanyeko, ntibizoba ari vyiza.

Guheba ishure ni nko gusimba ukava mw’igariyamoshi canke mu muduga utarashika iyo uja

Kubera iki ushaka guheba ishure? Hari aho kwoba ari ukugira ngo ufashe abavyeyi bawe mu vy’amahera canke kugira ukore igikorwa co gufasha abandi. Imvo z’ubwikunzi zoshobora kuba uguhunga ibibazo canke udukorwa baguha kw’ishure two gukorera i muhira. Urugamba rero aho ruhagaze ni aha: kumenya imvo nyamukuru ibigutumye, ukamenya ko ari iyumvikana canke ko ari iy’ubwikunzi. Niwaheba ishure urondera gusa guhunga ingorane, urahakwa kuzovunika umutima.

Guheba ishure ni nko gusimba ukava mw’igariyamoshi canke mu muduga utarashika iyo uja. Uwo muduga woshobora kuba utameze neza, n’abawurimwo bakaba batitwararikana, ariko usimvye ukawuvamwo, ntuzoshika iyo uriko uraja kandi urahakwa gukomereka cane. Muri ubwo buryo nyene, uhevye ishure, birashobora kutakworohera kuronka akazi. Uramutse ukaronse na ho, birashoboka ko uzohembwa make kuruta ayo woronse iyo uba warahejeje amashure.

Aho guheba ishure, niwihatire gutorera umuti wihanganye ingorane zigushikira kw’ishure. Ivyo bizogufasha kuba umuntu yihangana vyongere bigutegurire kumenya uko uzovyifatamwo mu ngorane nk’izo mu kazi.

 Imigambi yanje ijanye n’amashure

Kimwe mu bintu nyamukuru ishure rimaze ni ukugutegura ngo uzoronke akazi kazogufasha kwitunga no gutunga umuryango ushobora kuzohava ugira. (2 Abatesalonika 3:10, 12) Woba umaze guhitamwo akazi wipfuza kuzokora no kumenya ukuntu ishure uriko uriga rishobora kugufasha kukitegurira? Kugira umenye ko uri mu nzira nziza, niwishure ibibazo bikurikira:

  • Ni ibiki nshoboye kuruta ibindi? (Nk’akarorero, woba uzi kubana neza n’abandi? Woba ukunda gukoresha amaboko yawe, gukora ibintu canke kubisanura? Woba uvyifatamwo neza mu gusuzuma ingorane no mu kuzitorera umuti?)

  • Ni ubuzi ubuhe nokora bwondonsa akaryo ko gukora ibintu nshoboye kuruta ibindi?

  • Ni ubuzi ubuhe buboneka mu karere mbamwo?

  • Ni ivyigwa ibihe ndiko ndiga bizomfasha kuronka akazi?

  • Ni ibindi vyigwa ibihe noshobora kwiga ubu vyomfasha gushika ku migambi yanje?

Uribuka yuko umugambi wawe ari uwo guheza amashure ufise ubumenyi ushobora gukoresha. Ku bw’ivyo, nturenze urugero mu bundi buryo mu kwiga udaheza, ukaguma muri ya gariyamoshi ibihe vyose, kugira gusa uhunge amabanga yega umuntu akuze.