Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

URWARUKA RURIBAZA

Nshobora gute gucungera ibilo vyanje?

Nshobora gute gucungera ibilo vyanje?

Bibiliya iduhimiriza kuba ‘abatarenza urugero.’ (1 Timoteyo 3:2) Muri ivyo harajamwo n’utumenyero dufise mu bijanye no gufungura. Ubona gute ugerageje gukora ibi bikurikira?

Umviriza ico inda yawe ikubwira. Nahora nishingira ivyo ntegerezwa kumara, ariko ubu iyo numvise mpaze nca mpagarika.”—Julia, umwigeme w’imyaka 19.

Ntupfe ivyo uriye. Narahevye amafanta, maze mu kwezi kumwe gusa nta ibilo bitanu!”—Peter w’imyaka 21.

Nuhebe utumenyero tubi mu vyo gufungura. Ndagerageza kutiyongera.”—Erin w’imyaka 19.

Kugira ubishikeko: Ntuze urasibiriza gufungura! Usibirije bizotuma usonza cane, bitume uhakwa kurya ibirenze.

Ni ivy’ukuri ko abantu bamwebamwe bashaka gucungera ibilo vyabo kubera ko bibona uko batari. Ugasanga uko bari ni sawa. Ariko rero, wokora iki nimba ukeneye guta ibilo? Ehe raba ivyo umwigeme yitwa Catherine yakoze:

“Nari umwana w’umuyabaga avyibushe birenze, ico kikaba ari ikintu ntashaka. Sinahimbarwa n’ukuntu naboneka be n’ukuntu niyumva!

“Rimwe na rimwe naragerageza guta ibilo mu gufungura ibifungurwa bitavyibusha, ariko vyaca bisubira kwiyongera. Igihe rero nari mfise imyaka 15, naravuze nti: ‘Aho vyabereye ni kera.’ Nagomba guta ibilo mu buryo bwiza, uburyo noshoboye kwisunga mu buzima bwanje bwose.

“Naraguze igitabu cavuga ivy’ingaburo be n’ivyo kwinonora imitsi, maze ndashira mu ngiro ivyo nasomye. Nari niyemeje kudatana n’akabando naho vyoshitse bikangora gukurikiza canke nkarambirwa.

“Ndagupfinze ivyabaye? Erega vyarashobotse! Mu mwaka umwe nataye ibilo 27. Ubu maze imyaka ibiri mfise ibilo nipfuza. Emwe, sinari nzi ko vyoshobotse!

“Nibaza ko icamfashije atari uko nafunguye gusa ibifungurwa bitavyibusha, ahubwo ni ukuba narahinduye ubuzima bwanje.”—Catherine w’imyaka 18.