Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Nokora iki ngo abavyeyi banje banyizigire?

Nokora iki ngo abavyeyi banje banyizigire?

Ivyo wokora

Zirikana kuri iki kintu: Ukuntu wigenza muri rusangi kwoba gutuma abavyeyi bawe batakwizigira?

Nk’akarorero, Paulo yanditse ati: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Niwibaze uti: ‘Noba mpora mbwiza ukuri abavyeyi banje iyo bambajije iyo ntemberera be n’ivyo nkora?’

Hitamwo izina kugira usome ivyamushikiye.

 Lori  Beverly

 Lori

Narandikiranira kuri Internet mu mpisho n’umuhungu nakunda cane. Abavyeyi barabimenye maze bansaba kubihagarika. Narabibemereye, ariko sinabigira. Vyamaze umwaka. Narandikira uwo muhungu, abavyeyi bakabimenya, ngaca ndabasaba ikigongwe nkababwira ko ntazosubira, mugabo ngaca nsubira. Harashitse aho abavyeyi banje bataba bakinyizigira mu kintu na kimwe!

Wibaza ko ari kubera iki abavyeyi ba Lori batabaye bakimwizigira?

Iyo uza kuba uri umuvyeyi wa Lori, wari gukora iki? Kubera iki?

Lori yari kwigenza gute nk’umuntu akuze, abavyeyi biwe bakimubwira iyo ngorane?

 Beverly

Kera abavyeyi banje ntibanyizigira ku bijanye n’abahungu, ariko ubu ndatahura igituma. Narakundana n’abahungu babiri bandusha imyaka ibiri. Vyongeye, twaramara amasaha tuyaga kuri telefone, kandi iyo dukoraniye hamwe n’abandi, ni nk’aho ata bandi twayaga atari bo gusa. Haraciye ukwezi kwose abavyeyi banje barantwaye telefone, kandi ntibankundira kuja aho abo bahungu bari.

Iyo uza kuba uri umuvyeyi wa Beverly, wari gukora iki? Kubera iki?

Wibaza ko ingingo abavyeyi ba Beverly bamufatiye zari zumvikana? Nimba zari zumvikana, kubera iki?

Beverly yari gukora iki ngo atume abavyeyi biwe basubira kumwizigira?

Ingene wotuma abavyeyi bawe basubira kukwizigira

Ivyo wokora

Gukura ugashika mu bigero ukaba umuntu yizigirwa, ni nk’ukuduga ingazi. Utegerezwa kuduga intambwe ku yindi uca mu buyabaga

Ubwa mbere, numenye ivyo abavyeyi bawe batakikwizigiramwo cane.

  • Kwubahiriza isaha yo gutaha

  • Gushitsa ivyo nsezerana

  • Kwubahiriza umwanya

  • Gukoresha neza amahera

  • Kurangiza udukorwa two muhira

  • Kuvyuka batiriwe barasemerera

  • Kwama nsukura icumba canje

  • Kuba imvugakuri

  • Gukoresha telefone canke orodinateri ntarenza urugero

  • Kwemera amakosa no gusaba imbabazi

  • Ikindi

Ubwa kabiri, nugire umwiyemezo. Niwishingire ihangiro ryo kwerekana ko uri umwizigirwa muri ivyo bintu abavyeyi bawe batakikwizigiramwo. Nukurikize iyi mpanuro Bibiliya itanga: “[Mwambure] wa muntu wa kera ahura n’ingeso zanyu za kera.” (Abanyefeso 4:22) Uko haca igihe, iterambere ryawe rizokwibonekeza ku bandi, ushizemwo n’abavyeyi bawe.—1 Timoteyo 4:15.

Ubwa gatatu, nuganire n’abavyeyi bawe umwiyemezo wagize. Aho kwidoga ngo bakwiye kurushiriza kukwizigira, nubabaze mu rupfasoni ico biyumvira ko wokora kugira bakwizigire.

Uragaba: Ntiwitege ko ubwo nyene abavyeyi bawe baca bakwemerera ivyo usaba. Hari aho boshima kubanza kuraba yuko ushitsa ivyo usezeranye. Nuce uboneraho akaryo ko kwerekana ko uri umwizigirwa. Mu nyuma, hari aho borushiriza kukwizigira bakaguha n’umwidegemvyo wiyongereye. Ukwo ni ko vyagendeye Beverly, umwe twavuga. Agira ati: “Biragoye kuronka ubwizigirwa kuruta kubutakaza.” Yongerako ati: “Ubu ndiko ndasubira kwizigirwa, kandi birandyohera!”

Iciyumviro nyamukuru: Uko urushiriza kuba umwizigirwa ni ko bazorushiriza kukwizigira.