Ikirundi
Gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana
https://cms-imgp.jw-cdn.org/img/p/1011580/univ/art/1011580_univ_sqr_xl.jpg

Gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana

Ivyotuma uhimbarwa​—Kubumbwa n’ivyo ufise be no gutanga

Abantu benshi baritiranya agahimbare n’ubutunzi. None amatungo yoba vy’ukuri azana agahimbare karamba? Ibimenyamenya vyerekana iki?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ugushima?

Vyaragaragaye ko gushima bizana ivyiza vyinshi. Ivyo vyiza ni ibihe? Wokora iki ngo ube umuntu ashima?

Niwironkere ivyiza biva ku gutanga

Gutanga biratuma wewe n’abandi mumererwa neza. Birakomeza kandi ubumwe n’ubugenzi. None twoshobora gute gutangana akamwemwe?

Ivyotuma uhimbarwa​—Urukundo

Gukunda no gukundwa birahambaye cane kugira duhimbarwe.

Ukwinubana​—Nugaragaze urukundo

Kugaragaza urukundo biratuma tureka kwinubana. Rimbura ibintu bimwebimwe wokora.

Ukwinubana​—Nugaragaze impuhwe

Kutagira impuhwe bishobora kuba vyerekana iki?

Ingene wotsinda urwanko​—Nube umuntu atagira nkunzi

Nurandurane n’imizi agatima ko kutiyumvamwo abandi mu kwigana Imana mu bijanye no kutagira nkunzi.

Ingene wocungera ishavu

Gutwarwa n’ishavu birashobora kukwononera amagara, kandi ni ko bigenda n’igihe wigumijemwo ishavu. None wokora iki igihe uwo mwubakanye agushavuje vy’ukuri?

Ubwitonzi ni ingendo iranga ubukerebutsi

Igihe urenganijwe, ntivyoroshe ko uguma wigumije, ariko Bibiliya iremesha abakirisu kuba abantu bitonda. Ni igiki cogufasha gutsimbataza iyo kamere?

Umugenzi nyakuri ameze gute?

Abantu benshi babona ko kugira abagenzi nyakuri bihambaye. Woshobora gute kubera abandi umugenzi nyakuri? Iki kiganiro kiraca irya n’ino ivyiyumviro bine vyo muri Bibiliya wokwisunga.

Ivyotuma uhimbarwa​—Kubabarira abandi

Umuntu w’ishavu n’inzigo ntashobora guhimbarwa, icibagiwe co ni ukugira amagara meza.

Kubabarira abandi

Kugira tubabarire abandi, vyoba bisaba ko dufatira mu rwara canke mbere twirengagiza umubabaro baduteye?

Kuba imvugakuri birimwo impera

Raba inkuru z’abantu batwiganira ingene kuba imvugakuri ari ngirakamaro.