Ikirundi
Gusoma Bibiliya no kuyiga
https://cms-imgp.jw-cdn.org/img/p/1011580/univ/art/1011580_univ_sqr_xl.jpg

Gusoma Bibiliya no kuyiga

Gusoma Bibiliya

Kubera iki wosoma Bibiliya?

Abantu amamiliyoni bungukiye gute ku gusoma Bibiliya?

Incamake ya Bibiliya

Nurabe ingene ibitabu vyose bigize Bibiliya bishigikira iciyumviro nyamukuru cayo, ni ukuvuga ingene Ubwami buyobowe na Kristu Yezu buzokwemeza izina rya Yehova.

Urutonde rwo gusoma Bibiliya

Waba ushaka gusoma Bibiliya buri musi, canke ukaba ushaka ko woba wahejeje kuyisoma mu mwaka umwe canke ukaba ari ho ugitangura kuyisoma, uru rutonde rurashobora kubigufashamwo.

Wotangura gute gusoma Bibiliya?

Ibintu bitanu vyotuma gusoma Bibiliya birushiriza kukworohera no kukuryohera.

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 1: Soma Bibiliya yawe

Hamwe woza ubona wubutse kw’isandugu ya kera cane yabikwamwo ibintu vy’agaciro, none ntiwoshima kumenya ibiri indani? Bibiliya ni nk’iyo sandugu. Irimwo ibintu vyinshi vy’agaciro.

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 2: Nutume gusoma Bibiliya bikuryohera

Ibintu bitanu vyogufasha kwiha ishusho mu bwenge y’ivyo uriko urasoma.

Ivyo abakiri bato bavuga ku vyerekeye gusoma Bibiliya

Gusoma ntivyama vyoroshe, ariko gusoma Bibiliya birafise akamaro. Abakiri bato bane barasigura ingene bungukiye ku gusoma Bibiliya.

Kwiga Bibiliya

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?

Icogufasha gutahura Bibiliya

Nimba Bibiliya yoroshe gutahura, ni kubera iki wokwirirwa urarondera uwuyikwigisha?

Kubera iki wokwiga Bibiliya?

Woba wiyumvira ngo ‘Nta mwanya mfise,’ canke ngo ‘Ndanka kwemera ivyo ntazoshitsa’?

Kubera iki wotahura Bibiliya?

Abantu benshi barubaha ico gitabu ceranda ariko ntibazi ko cobagirira akamaro.

Ni ibiki vyogufasha gutahura Bibiliya?

Urashobora gutahura ubutumwa bw’agaciro buri muri yo.

Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Nimba Bibiliya ikomoka ku Mana, itegerezwa kuba ata ho isa isana n’ibindi bitabu vyanditswe.

Ibintu bifasha kwiga Bibiliya

Nuhitemwo ibintu vyogufasha kwiga Bibiliya, bigatuma wiyigisha mu buryo buhimbaye kandi ngirakamaro.