Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noba ngeze kwubaka urwanje?

Noba ngeze kwubaka urwanje?

 Imbere yo kwishura ico kibazo, urakeneye kubanza kwimenya neza. Nk’akarorero, raba ibi bintu bikurikira:

Imigenderanire

 Ufata gute abavyeyi bawe be n’abo muvukana? Vyoba akenshi bikugora kubihanganira, kumbure ukarinda gukoresha amajambo akaze canke ababaza kugira userure iciyumviro? Uwobabaza bobivugako iki? Ukuntu ufata abo mu muryango birerekana ukuntu uzofata uwo muzokwubakana.—Abanyefeso 4:31.

Inyifato

 Woba uri umuntu yizigira canke yihebura ningoga? Woba ugira ibitegereka canke wama imisi yose usaba ushimitse ko ibintu bigenda nk’uko wewe ushaka? Woba ushobora kuguma utekanye igihe uri mu bintu bishusha umutwe? Woba uri umuntu yihangana? Gutsimbataza icamwa c’impwemu y’Imana bizogutegura kugira uzobe umunega canke umukenyezi abushitse.—Abagalatiya 5:22, 23.

Amahera

 Ukoresha gute amahera? Woba wama mu madeni? Woba ushobora kurambira mu kazi? Nimba utabishobora, bitumwa n’iki? Vyoba bitumwa n’ako kazi ubwako canke umukoresha wawe? Vyoba bitumwa n’ingeso kanaka ukeneye guhindura? Nimba bikugora gukoresha neza amahera yawe bwite, wumva uzoshobora gute gukoresha neza ay’umuryango?—1 Timoteyo 5:8.

Ibijanye n’ugusenga

 Nimba uri Icabona ca Yehova, ubucuti ufitaniye n’Imana bumeze gute? Woba wibwiriza gusoma Ijambo ry’Imana, kuja kuvuga ubutumwa no kugira uruhara mu makoraniro ya gikirisu? Erega uwo muzokwubakana akeneye kubana n’umuntu akunda Imana cane.—Umusiguzi 4:9, 10.

 Uko uzorushiriza kwimenya ni ko uzokworoherwa no kuronka umuntu azogufasha gutsimbataza kamere nziza ufise aho kwunyura utunenge twawe.