URWARUKA RURIBAZA
Nkore iki ko ishure rindambiye?
Hari imvo nyinshi zoshobora gutuma uvuga ko ishure rikurambiye. Aho twovuga kugira abigisha bakaze, kugirwako umukazo n’urundi rwaruka, ibibazo mukora bitoroshe, udukorwa two kw’ishure two gukorera muhira. a Umukobwa akiri muto yitwa Rachel b avuga ati:
«Mba numva noja ahandi hantu atari kw’ishure. Nopfuma nja ku kiyaga canke nkaba ndi kumwe n’abagenzi canke mbere nkafasha abavyeyi udukorwa two muhira.»
Nimba nawe ubona ibintu nka Rachel, ushobora kuba ubona ko imyaka uzomara ku ntebe y’ishure ari nk’umunyororo waciriwe ubwirizwa kwihanganira gushika urangije amashure. Hoba hari icogufasha kubona neza ishure?
Wari ubizi? Igihe ugerageza kubona neza ishure, urahangana n’ivyo bihe urimwo kandi ukareka kubona ko kwiga ari igihano. Mu buryo kanaka, ishure rizogufasha gutsimbataza no kuryohora ubuhanga uzokoresha niwakura.
Kugira ubone neza ishure, nugerageze kwibanda kuri ibi bikurikira:
Ivyigwa. Niwiga neza, bizogufasha gutorera umuti ingorane zizogushikira muri kazoza haba ku kazi canke mu buzima busanzwe, aho kwama urondera gufashwa n’abandi. Niwibaze uti: «Naho hari ivyo ntakunda kw’ishure, kwiga bimariye iki?»
Ico Bibiliya ivuga: «Zigama ubukerebutsi nyabwo n’ubushobozi bwo kwiyumvira.»—Imigani 3:21.
Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?»
Inyifato yawe. Intunganyo y’ishure irashobora kukwigisha ukuntu wokoresha umwanya wawe, kuba umuntu yigumya kandi akora cane, izo akaba ari kamere uzokenera niwakura. Niwibaze uti: «Ni mu buryo ubuhe intunganyo y’ishure imfasha kuba umuntu yigumya kandi akora cane? Hoba hari ico noryohora muri iyo mice?»
Ico Bibiliya ivuga: «Akigoro kose umuntu agize karavamwo ivyiza.»—Imigani 14:23.
Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?»
Imigenderanire ugiranira n’abandi. Imigenderanire mufitaniye n’abanyeshure mwigana irashobora kugufasha gutsimbataza impuhwe kandi ukubaha abandi. Umusore yitwa Joshua avuga ati: «Kumenya ukuntu woganira n’abandi birahambaye nko kwiga icigwa c’ivya kahise n’ivy’ubuhinga. Ni ubuhanga uzokoresha mu buzima bwawe bwose.» Niwibaze uti: «Ni ivyigwa ibihe nigiye kw’ishure ku bijanye no kuganira neza n’abandi, harimwo n’abo twakuriye ahatandukanye canke tudasangiye ukwemera?»
Ico Bibiliya ivuga: «Mugume murondera kugiranira amahoro n’abantu bose.»—Abaheburayo 12:14.
Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?»
Kazoza kawe. Ishure rirashobora kugufasha kumenya ububangukirwe ufise no kwishingira imigambi wisunze ubwo bubangukirwe. Umwigeme umwe yitwa Brooke avuga ati: «Kuba warize ikintu kanaka, birashobora kugufasha gukora akazi neza, nk’uko nanje vyamfashije.» Niwibaze uti: «Ninaheza ishure, nzokwibeshaho gute? Ivyo nize bizomfasha gute mu kazi kanje?»
Ico Bibiliya ivuga: «Nusuzume neza inzira y’ibirenge vyawe.»—Imigani 4:26, akajambo k’epfo.