Nokora iki igihe numva irungu?
Ivyo wokora
1. Niwibande kuri kamere nziza ufise. (2 Abakorinto 11:6) Naho ari vyiza kumenya utunenge ufise, urafise vyinshi abandi bashobora kwungukirako. Kumenya kamere nziza ufise bizotuma ushira umutima mu nda maze wikuremwo agatima ko kwisuzugura wongere utsinde irungu. Niwibaze uti: ‘Ni kamere nziza izihe mfise?’ Iyumvire kamere nziza woba ufise.
2. Niwitwararike abandi vy’ukuri. Nutangure witwararike abantu bakeyi gusa. Umuhungu umwe yitwa Jorge avuga ati: “Kubaza gusa abandi amakuru yabo canke ayo ku kazi biratuma murushiriza kumenyana.”
Urashobora kwubaka ikiraro kiguhuza n’urunganwe rwawe
Inama tukugiriye: Nturondere abagenzi mu bo munganya imyaka gusa. Bamwebamwe mu bantu bavugwa muri Bibiliya bagiraniye ubugenzi somambike kuruta abandi bose, wasanga barushanya imyaka myinshi. Aho twovuga nka Rusi na Nawomi, Dawidi na Yonatani, tutibagiye Timoteyo na Paulo. (Rusi 1:16, 17; 1 Samweli 18:1; 1 Abakorinto 4:17) Uribuka kandi ko kuyaga ari uguhana ijambo, si ukuryihariza. Abantu barakunda uwubatega amatwi. Nimba rero ukunda kugira amasoni, niwibuke yuko atari wewe ubwirizwa kuvuga wenyene mu kiyago cose!
3. Nugire “impuhwe.” (1 Petero 3:8) Naho uwundi mwoba mutabona ibintu kumwe, niwihangane umureke avuge. Nushimike ku vyo muhurizako. Nimba ubonye ko hari ibintu mudahurizako ubwirizwa kuvuga, nubigirane ukwiyorosha be n’ubugenge.
Inama tukugiriye: Nuvugishe abandi nk’uko nawe woshima ko bakuvugisha. Impari zidakenewe canke ugutyekeza abandi, ukubatuka canke kubereka ko bama bari mu makosa nta kindi bivamwo atari ugutuma baguhunga. Bazorushiriza kugukunda cane igihe ‘imvugo yawe yamana igikundiro.’—Abakolosayi 4:6.