URWARUKA RURIBAZA
Nokora iki abavyeyi banje bahukanye?
Kimwe mu bintu bitesha umutwe bishikira abakiri bato ni igihe abavyeyi babo bahukanye. Wokora iki kugira uvyihanganire?
Muri iki kiganiro turaza kubona
Ibintu bitatu ukwiye kwirinda
1. Kwitako amakosa
«Mawe yarigeze kumbwira ko ingorane zose ziri hagati yiwe na dawe zatanguye igihe navuka, rero vyatumye mbona ko ari je nabaye intandaro y’ugusambuka kw’umubano wabo.»—Diana.
Urama wibuka iki kintu: Si wewe watumye abavyeyi bawe bahukana. Bahukanye kubera ingorane bo ubwabo bafitaniye. Si we wabaye umuzi w’ingorane kandi ntushoboye no kuzitorera umuti. Ni bo bategerezwa kugira ico bakoze kugira ivyo bibazo vyabo bitorerwe umuti.
2. Kubika inzika
«Dawe arambabaza kubona yarahemukiye mawe. Emwe, nzosubira kumwizigira ntevye!»—Rianna.
Urama wibuka iki kintu: Ushobora kuba ubabaye kandi ushavuye kubera ivyabaye hagati y’abavyeyi bawe, kandi kuba umerewe gutyo birumvikana. Ariko kubika inzika bironona amagara. Birashobora kukugirira nabi ku mubiri no mu bwenge. Ni co gituma bavuga ko kubika inzika ari nko kurya ishano hama ugaca witega ko uwundi ari we arwara. a
3. Kwibaza nimba nawe uzogira umubano uhimbawe
«Mfise ubwoba ko nzohava nkora nk’ivyo dawe yakoze. Ndatinya ko ninubaka urwanje maze nkaronka abana, nzohava nkora nk’ivyatumye abavyeyi banje bahukana.»—Jessica.
Urama wibuka iki kintu: Kuba abavyeyi bawe barahukanye ntibisobanura ko nawe ariko bizogenda mu mubano wawe. Nkako, urashobora gukura ivyigwa ngirakamaro ku vyashikiye abavyeyi. Nk’akarorero, woshobora kuraba kamere wipfuza ku wo ushaka ko muzokwubakana. Vyongeye, kuba umubano w’abavyeyi bawe warasambutse birashobora kugufasha gutsimbataza kamere zizotuma uba umugabo mwiza canke umugore mwiza.
Ibintu bitatu wokora
1. Kuganira. Abantu badaserura akababaro kabo akenshi barisuka mu bintu bibagirira nabi, nko kunywa inzoga zirenze n’ibiyayuramutwe. Aho kwigenza gutyo, nugerageze ibi bintu:
Nuganire n’abavyeyi bawe. Nimba abavyeyi bawe, canke umwe muri bo, bariko baragushira mu bibazo vyabo, nubasigurire utekanye ariko kandi ushikamye ko ivyo bikubabaza. Nimba vyokugora kuganira na bo amaso mu yandi, woshobora kwandikira agakete umwe muri bo canke bose.
Nimuganire n’umugenzi wizigiye. Birashobora kugufasha cane kuronka umuntu agutega yompi yitonze. Bibiliya ivuga ko «umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.»—Imigani 17:17.
Nubiganirire Umuremyi. Yehova Imana ‘We yumva amasengesho,’ azokwama akwumviriza. (Zaburi 65:2) Bibiliya ivuga ko ushobora ‘guterera amaganya yawe yose kuri yo, kuko ikubabara.’—1 Petero 5:7.
Ni nde mu bavyeyi bawe mwoshobora kuganira mutekanye kandi mu buryo bwiza?
Ni umugenzi uwuhe wizigiye, yaba akiri muto canke akuze, yoshobora kuza aragufasha?
Ni ibibazo ibihe wobwira Yehova mw’isengesho?
2. Guhuza n’amahinduka
Igihe abavyeyi bahukanye birashobora gutuma wimuka ukaja kuba ahandi, ukaja kwiga ku rindi shure, canke ubuzima wari ubayemwo bugahinduka, mbere ukaronka n’abagenzi bashasha. Birumvikana ko ivyo bishobora kukubabaza, ukagira amaganya, kandi urashobora kubona ko ubuzima bwawe bwahindutse rwose. Ni igiki cogufasha kumenyera ayo mahinduka? Gerageza kuraba ico wokora kugira uhuze n’ayo mahinduka.
Ni ihinduka rikomeye irihe wabwirijwe kugira kubera ko abavyeyi bawe bahukanye?
Ni ibiki wokora kugira ngo uhuze n’iryo hinduka?
3. Nubone kamere nziza ufise
Naho ukuba abavyeyi bawe barahukanye bishobora gutuma ugira amaganya menshi, birashobora no kugufasha kumenya kamere nziza ufise. Vyoshobora mbere no kugufasha kugira izindi kamere nziza. Jeremy yari afise imyaka 13 igihe abavyeyi biwe bahukana. Avuga ati: «Kuba abavyeyi banje baratandukanye, vyatumye ndushiriza kwitwararika ibintu. Nari umwana w’imfura, rero nabwirizwa gufasha mawe cane nkongera nkashigikira mutoyi wanje.»
Ni kamere nziza izihe wasanze ufise igihe abavyeyi bahukana?
Ni kamere nziza izihe wipfuza gutsimbataza?
a Kugira umenye n’ibindi , nurabe ikiganiro kivuga ngo «Noshobora gute gutsinda ishavu?»