URWARUKA RURIBAZA
Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?
Abagenzi bawe bagutumiye mu mutororokano mu mpera z’ino ndwi. Urasavye abavyeyi kuzogenda, ariko barakwankiye. Si bishasha kuri wewe kuko n’ubuheruka ni ko vyagenze.
Muri iki kiganiro, turaza kuronka inyishu z’ibi bibazo:
Kubera iki abavyeyi banje bama bambuza gukora ivyo nshaka?
Igihe umenga abavyeyi ntibigera bemera ivyo ubasavye, woshobora kwiyumvira ko badashaka ko wiryohera.
Umuyabaga umwe yitwa Marie na we nyene yabona ibintu muri ubwo buryo igihe yaronka telefone ari ryo rya mbere. Avuga ati: «Dawe yaranshingira amategeko menshi, nko ku bijanye n’amaprograma novomera muri telefone yanje, abo twoganira n’umwanya nomara ndiko nganira na bo. Ariko abagenzi banje bobo, bakaba bakora ivyo bashatse.»
Zirikana kuri iki kintu: Se wa Marie yoba vy’ukuri yariko amubuza kuryoherwa? Ni ikintu ikihe gishobora kuba cari kimuhagaritse umutima?
Nugerageze iki kintu: Dufate ko uri umuvyeyi, ukaba ufise umuyabaga aherutse kuronka telefone. Ni ibiki vyotuma uhagarika umutima? Ni amategeko ayahe woshinga kugira ukingire uwo mwana wawe w’umuyabaga? Wovuga iki nka hamwe uwo mwana wawe yokubwira ko udashaka ko yiryohera?
«Dawe yama ambwira ngo ‘niwishire mu kibanza canje.’ Kubigira vyaratuma ntabona gusa igituma ayo mategeko yari ay’agaciro, ariko kandi nkabona imvo zatuma ayatanga. Iyaba nari mfise abana, niyumvira ko nogiye ndabashiriraho amategeko nk’ayo dawe yanshiriraho.»—Tanya.
Nokora iki kugira abavyeyi banyemerere gukora ivyo nshaka?
«Gushwana nta kindi bivamwo atari ugutuma wewe n’abavyeyi bawe mushavuriranira. Niwarondera kwisigura, abavyeyi bawe bazobona ko utarakura kandi ko hataragera ko uronka uburenganzira bwo gukora ivyo ushaka.»—Richard.
«Mu bisanzwe, abavyeyi banshingira amategeko babitumwe n’imvo nziza. Ntibaba bashaka kumbuza kwiryohera, ahubwo baba bashaka ko niryohera mu buryo butazonteza ingorane.»—Ivy.
Ico Bibiliya ivuga: «Ikijuju kirasuka ishavu ryaco ryose, ariko umunyabwenge aguma atekanye, akigumya.»—Imigani 29:11.
«Naragerageza kurenga ku mategeko dawe yari yaranshingiye ku bijanye no gukoresha telefone. Nararondera ingene nokwandikira abagenzi banje mw’ijoro canke nkavoma uduprograma dawe atanyemerera gukoresha. Naho nabikora ukwo, yategerezwa kubimenya, kandi yaca anshiriraho amategeko aremereye kubera atari akinyizera. Kugerageza kurenga ku mategeko mw’ibanga si vyiza.»—Marie.
«Niwihangane. Vyoshobora gusaba igihe kugira ngo abavyeyi bawe bakworohereze, ariko nibabona ko ugamburuka amategeko bashinze vyotuma baguha umwidegemvyo wiyongereye.»—Melinda.
Ico Bibiliya ivuga: «Nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose.»—Abakolosayi 3:20.
«Kuguma ushimika ko ibintu vyogenda uko ushaka, si vyo bituma ibintu bigenda neza canke ushika ku vyo ushaka.»—Natalie.
«Abavyeyi bipfuza ko woba umuntu azi gufata ingingo nziza. Rero igihe ndiko ndayaga n’abavyeyi banje, ndagerageza gusigura ibintu mu buryo butomoye aho gutwarwa n’ibishobisho. Iyo ndabikoze gutyo biragenda neza.»—Joseph.
Ico Bibiliya ivuga: «Tera iteka so wawe na nyoko wawe.»—Abanyefeso 6:2.