Ibisigurwa bariko barabicapa

Utu tuvidewo turigisha ibintu bihambaye yamara bikagirwa mu buryo bwo kwiryohera!

Ukwiye kubona gute abageze mu zabukuru?

Nurabe ivyiza woronka hamwe wogira abagenzi bageze mu zabukuru.

Bibiliya yoba vy’ukuri yogufasha?

Nurabe ukuntu Bibiliya yogufasha kugira ubuzima bwiza cane.

Noba nkwiye guheba ishure?

Kubuzwa amahoro, amaganya be no kuronka amanota mabi kw’ishure birashobora gutuma ishure rirushiriza kukugora. Ntuce uheba ishure. Raba impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga n’ivyo wokora kugira wihangane wongere uronke amanota meza.

Kubera iki twovugisha ukuri?

Vyoba ari ngombwa ko ubesha kugira uroranirwe? Niwirabire ingene kuvugisha ukuri bifise akamaro.

Niwitwararike kugira isuku

Gusukura ibintu no kubishira ku rutonde vyama ari vyiza kandi bikagirira akamaro n’abo mwamana. Birashobora gutuma ugira amagara meza kandi ukagabanya ivyogutera amaganya.

Noba ninuba abandi?

Agatima ko kwinubana karandukiye abantu kuva kera. Raba impanuro Bibiliya iduha zogufasha kukirinda.

Ukuntu wokoresha neza amahera yawe

Nukoreshe neza amahera ufise ubu kugira uzoyikoreko niwayakenera.

Niwirinde itabi

Naho hari abantu benshi banywa itabi canke shishe, hari abandi babihevye, hakaba n’abariko baragerageza kubiheba. Uti kubera iki? Itabi ryoba riteza ingorane?

Gukina ama jeux: Woba uriko uratsinda nk’uko uvyibaza?

Gukina ama jeux birashobora kuryoha ariko birashobora no guteza ingorane. Ni gute wokwirinda izo ngorane maze ugatahukana intsinzi vy’ukuri?

Umubabaro ufise urashobora guhera

Wokora iki igihe wumva urengewe n’umubabaro?

Ivyo ukwiye kumenya ku bijanye na siporo

Siporo irashobora kukwigisha ibintu bihambaye, nko gukorana neza n’abandi no kuyaga na bo. Ariko none, yoba ikwiye kuba kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima?

Nuzirikane imbere yo kunywa

Benshi akayoga kamaze kubashika, baravuga canke bagakora ibintu bituma mu nyuma bicuza. Wokwikingira gute ingorane ziva ku kunywa ukarenza urugero?

Noyagisha gute abavyeyi banje?

Woganira gute n’abavyeyi bawe igihe wumva utabishaka?

Woba utwarwa cane n’ubuhinga bwa none?

Urashobora gukoresha ubuhinga bwa none butiriwe burakugira umuja. Womenya gute ko woba usigaye uri umuja w’akuma kawe? Wokora iki usanze ari ko biri?

Noronka gute umwidegemvyo wiyongereye?

Ubona ko hageze ko ufatwa nk’umuntu akuze, ariko abavyeyi bawe si ko babibona. None ni intambwe izihe wotera kugira bakwizigire?

Ingene nokwirinda urusaku

Igihe cose uzobona mu kiyago mwarimwo hatanguye kuzamwo urusaku, uraca ugira ico ukoze

Rwoba ari urukundo canke ni igihababu?

Menya insobanuro y’urukundo rw’igihababu n’urukundo nyakuri.

Nunanire akosho k’urunganwe!

Raba ibintu bine bishobora kugufasha kwirinda agakuku.

Nukoreshe neza ubuhinga bwa none

Nuryoherwe no guhanahana amakuru n’abagenzi bawe kuri Internet, ariko ntiwijajare.

Umugenzi nyakuri ameze gute?

Biroroshe ko uronka abagenzi b’indyadya; none woronka gute umugenzi nyakuri?

Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara

Raba igituma hari abatoteza abandi n’ingene wovyifamwo igihe utotejwe.