Ikirundi
Matayo 11:28-30: “Ni muze kuri jewe, . . . ndabaruhura”
https://cms-imgp.jw-cdn.org/img/p/502300100/univ/art/502300100_univ_sqr_xl.jpg
ijwbv ikiganiro 20

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Matayo 11:28-30: “Ni muze kuri jewe, . . . ndabaruhura”

Matayo 11:28-30: “Ni muze kuri jewe, . . . ndabaruhura”

 “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.”​—Matayo 11:28-30, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.”​—Matayo 11:28-30, Bibiliya Yera.

Ico muri Matayo 11:28-30 hasobanura

 Yezu yasavye abamwumviriza kuza kuri we. Yarabakuye amazinda ko bagize ivyo bamwigiyeko bazokwumva baruhuriwe.

 “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe.” Abo yasavye ngo baze kuri we bari “baremerewe” n’amategeko hamwe n’imigenzo abakuru b’amadini yabo babashingira. (Matayo 23:4; Mariko 7:7) Abantu benshi bari bafise amaganya kandi babwirizwa gukora cane kugira baronke icorirenza.

 “Ndabaruhurira.” Abemeye kuza kuri Yezu yabasezeraniye kubaruhurira. Ivyo yabigize mu kubafasha gutahura ivyo Imana ibitezeko vy’ukuri. (Matayo 7:24, 25) Ubwo bumenyi bwarabagize abidegemvya, bubakura mu buja bw’inyigisho z’ikinyoma hamwe n’imigenzo y’agacinyizo y’amadini. (Yohani 8:31, 32) Naho vyabasaba akigoro kugira bige bongere bashire mu ngiro ivyo Yezu yabigisha, kubikora vyarabaruhurira.

 “Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko.” Mu bihe vya Bibiliya, abakozi akenshi bakoresha ingǒgo ni ukuvuga ikibando bashira ku rutugu kugira kibafashe guterura ibintu biremereye. Ku bw’ivyo, ijambo “ingǒgo” risobanura kuyobokera umuntu afise ubukuru no gukurikiza ivyo atubwira. (Abalewi 26:13; Yesaya 14:25; Yeremiya 28:4) Ijambo “munyigireko” rirashobora gusobanura kandi “mube abigishwa banje.” Rero, Yezu yariko araremesha abantu kuba abigishwa biwe mu kumukurikira no mu kwigana akarorero kiwe.​—Yohani 13:13-15; 1 Petero 2:21.

 “Muzokwumva muruhuriwe.” Yezu ntiyabasezeraniye ko ingorane zose bari bafise zociye zihera. Ahubwo, yafashije abamwumviriza kuronka uruhoza n’icizigiro. (Matayo 6:25-32; 10:29-31) Ababaye abigishwa biwe maze baremera ivyo yabigishije, basanze gukorera Imana bituma bagira agahimbare nyakuri aho kubabera umuzigo.​—1 Yohani 5:3.

 “Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” Yezu yari atandukanye n’indongozi z’amadini bo mu gihe ciwe kubera ko wewe yitonda kandi akicisha bugufi. (Yohani 7:47-49) Ntiyacinyiza abandi canke ngo abakarire. Ahubwo yari umunyabuntu kandi yaregereka. Abigishwa biwe ntiyabitegako ibirenze. (Matayo 7:12; Mariko 6:34; Luka 9:11) Vyongeye, yarabereka ingene bokwungukira ku mbabazi z’Imana n’ukuntu kugira ijwi ryo mu mutima ryiza bibaruhurira. (Matayo 5:23, 24; 6:14) Kamere nziza Yezu yari afise zatuma abantu bamwiyegereza ariko kandi zigatuma bemera ingǒgo yiwe bakaba n’abigishwa biwe.

Amakikuro yo muri Matayo 11:28-30

 Yezu yavuze amajambo dusanga muri Matayo 11:28-30 igihe yari mw’isekeza ryo kwamamaza i Galilaya mu mwaka wa 31 N.K. Intumwa Matayo ni we mwanditsi w’Injili wenyene yanditse ayo majambo. Kubera ko Matayo yari Umuyuda kandi akaba yari yarigeze kuba umutozakori, yari yariboneye ingene abantu benshi bacinyizwa n’amakori y’Abaroma hamwe n’idini ry’Abayuda ryari ryarononekaye. Nta nkeka ko yaremeshejwe no kubona Yezu akoresha ubukuru yahawe na Se wiwe Yehova, a mu gusaba abantu baciye bugufi kandi bakengeretse ngo baze kuri we.​—Matayo 11:25-27.

 Injili ya Matayo irashira ahabona kamere nziza Yezu yagaragaje nka we Mesiya yasezeranywe n’uwari agiye kuba Umwami w’Ubwami bw’Imana.​—Matayo 1:20-23; Yesaya 11:1-5.

Nurabe aka kavidewo kugira umenye incamake y’igitabu ca Matayo.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?