Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Kuvayo 20:12: “Tera iteka so na nyoko”

Kuvayo 20:12: “Tera iteka so na nyoko”

“Tera iteka so na nyoko kugira ngo imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe.”​—Kuvayo 20:12, Bibiliya y’isi nshasha.

“Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.”​—Kuvayo 20:12, Bibiliya Yera.

Ico muri Kuvayo 20:12 hasobanura

Imana yategetse Abisirayeli gutera iteka abavyeyi babo. Umuhango yaciye yongerako ni nk’iyindi mvo yari gutuma bagamburuka iryo tegeko. Naho abakirisu batakigengwa na rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli, iryitwa Itegeko rya Musa, ingingo ngenderwako ziri muri ryo ntizahindutse. Iryo Tegeko ryari rishingiye ku kuri kw’ishimikiro kukigenga abakirisu muri iki gihe.​—Abakolosayi 3:20.

Abana, baba bakiri bato canke bakuze, baratera iteka abavyeyi babo mu kububaha no mu kubagamburukira. (Abalewi 19:3; Imigani 1:8) Naho abana baba bamaze gukura bakubaka izabo, barabandanya gukunda abavyeyi babo no kubafasha. Nk’akarorero, baritwararika ko abavyeyi babo baronka ivyo bakeneye igihe bageze mu zabukuru, mbere bakabafasha no mu vy’amahera igihe bikenewe.​—Matayo 15:4-6; 1 Timoteyo 5:4, 8.

Abana b’Abisirayeli bategerezwa gutera iteka ba se na ba nyina, ivyo bikaba vyerekana ko ba inarugo bafise uruhara ruhambaye mu muryango. (Imigani 6:20; 19:26) Ivyo ni vyo n’abana muri iki gihe bakwiye gukora.

Iryo tegeko ryo kugamburukira abavyeyi ryamye rifise aho rigarukira. Abana b’Abisirayeli ntibabwirizwa kugamburukira abavyeyi canke uwundi muntu n’umwe mu gihe ivyo vyobasavye kurenga ku mategeko y’Imana. (Gusubira mu vyagezwe 13:6-8) No muri iki gihe, abakirisu “[ba]gamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:29.

Muri rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli, yasezeranye ko abana batera iteka abavyeyi babo borambiye mu gihugu yari yarabahaye kandi bikabagendera neza. (Gusubira mu vyagezwe 5:16) Ntibohanywe nk’uko vyogendeye abana bakuze ariko birengagije itegeko ry’Imana, bakagarariza abavyeyi babo. (Gusubira mu vyagezwe 21:18-21) Naho haheze igihe iryo tegeko ritanzwe, ingingo ngenderwako ziri muri ryo ntizahindutse. (Abanyefeso 6:1-3) Twaba tukiri bato canke dukuze, Umuremyi wacu aragira ico atubaza. Kandi nk’uko yabisezeranye, abana bamugamburukira bakagamburukira n’abavyeyi babo bazoramba. Kanatsinda, barafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.​—1 Timoteyo 4:8; 6:18, 19.

Amakikuro yo muri Kuvayo 20:12

Turashobora kwiga vyinshi turavye ahantu iryo tegeko ryo muri Kuvayo 20:12 riherereye muri ya Mabwirizwa cumi. (Kuvayo 20:1-17) Amategeko ari imbere yaryo yarerekana ivyo Abisirayeli basabwa gukorera Imana, nko kuyisenga yonyene gusa. Amategeko arikurikira na yo yarerekana ivyo basabwa gukorera abagenzi babo, nko kudahemukira abo bubakanye no kutiba. Rero iryo tegeko ryo “[gu]tera iteka so na nyoko” ryabonwa nk’ikiraro gihuza iyo migwi ibiri.

Nusome Kuvayo ikigabane ca 20 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.