Yohani Umubatizi yari nde?
Inyishu Bibiliya itanga
Yohani Umubatizi yari umuhanuzi w’Imana. (Luka 1:76) Yavutse imbere gato y’uko Yezu avuka. Imana yamushinze igikorwa co gutegura inzira ya Mesiya, ari we Kristu. Ico gikorwa Yohani yagikoze mu kubwira Abayuda bagenziwe ubutumwa buvuye ku Mana kugira agarukane imitima yabo ku Mana.—Mariko 1:1-4; Luka 1:13, 16, 17.
Ubutumwa Yohani yamamaza bwarafashije abantu b’imitima igororotse kumenya ko Yezu w’i Nazareti ari we Mesiya yari yarasezeranywe. (Matayo 11:10) Yohani yaremesha abamwumviriza kwigaya ibicumuro vyabo maze bakabatizwa kugira berekane ko bigaye. (Luka 3:3-6) Kubera ko Yohani yabatije abantu benshi, bahavuye bamwita Umubatizi. Umuntu ahambaye kuruta abandi bose Yohani yabatije yari Yezu. a—Mariko 1:9.
Muri iki kiganiro, turabona inyishu z’ibi bibazo
Ni igiki catumye Yohani Umubatizi aba uwutandukanye n’abandi?
Igikorwa yokoze cari caravuzwe imbere y’igihe: Biciye ku gikorwa co kwamamaza Yohani yaranguye, yarashikije ubuhanuzi bwerekeye intumwa ya Yehova. (Malaki 3:1; Matayo 3:1-3) Yarerekanye ko ari we ‘yoshikirije Yehova abantu bateguwe neza.’ Yarafashije Abayuda bagenziwe kwitegurira kwakira ubutumwa Yezu Kristu yokwamamaje, we muntu nyamukuru yaserukira Yehova Imana.—Luka 1:17.
Impera azoronka: Yezu yavuze ati: «Mu bantu bose babayeho ntihigeze haboneka uwuruta Yohani Umubatizi. Ariko umuntu mutoyi mu Bwami bwo mw’ijuru aramuruta.» (Matayo 11:11) Kubera ko Yohani yari umuhanuzi akaba na ya «ntumwa» yari yaravuzwe, nta musavyi w’Imana n’umwe yabayeho imbere yiwe amuruta. Ayo majambo ya Yezu arerekana kandi ko Yohani atazoronka ubuzima budahera mw’ijuru. b Uwo muhanuzi w’umwizigirwa yapfuye imbere y’uko Kristu yugurura inzira ija mw’ijuru. (Abaheburayo 10:19, 20) Rero, Yohani azoronka ubuzima budahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi ari umutwarwa w’Ubwami bw’Imana.—Zaburi 37:29; Luka 23:43.
Abavyeyi ba Yohani Umubatizi bari bande?
Umugabo yitwa Zakariya n’umugore wiwe Elizabeti ni bo bari abavyeyi ba Yohani. Zakariya yari umuherezi. Yohani yavutse ku gitangaro kuko nyina wiwe yari ingumba. Vyongeye, Elizabeti na Zakariya «bari bageze mu zabukuru.»—Luka 1:5-7, 13.
Ni nde yicishije Yohani Umubatizi?
Umwami Herodi Antipa ni we yicishije Yohani, yohejwe n’umugore wiwe Herodiya. Herodiya yaranka Yohani kuko yari yarabwiye Herodi ko umubano wiwe na Herodiya utemewe n’amategeko y’Abayuda, narirya Herodi yavuga ko ari Umuyuda.—Matayo 14:1-12; Mariko 6:16-19.
Yohani Umubatizi na Yezu boba bari abakeba?
Bibiliya ntishigikira ico ciyumviro. (Yohani 3:25-30) Kanatsinda, Yohani yarivugiye ko igikorwa ciwe cari ico gutegura inzira ya Mesiya, nticari ico guhiganwa na we. Yohani yavuze ati: «Icatumye nza kubatiza abantu mu mazi, kwari ukugira ngo Abisirayeli bamumenye.» Yongeyeko ati: «Uyu [ni] Umwana w’Imana.» (Yohani 1:26-34) Ni co gituma Yohani yahimbarwa no kwumva ko Yezu ariko araroranirwa mu gikorwa ciwe.
a Yezu «nta gicumuro yakoze.» (1 Petero 2:21, 22) Rero ntiyabatijwe kugira yerekane ko yigaye, ahubwo kwari ukugira yishikane ku Mana ngo akore ivyo igomba. Mu vyo Imana yagomba ko akora harimwo gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu.—Abaheburayo 10:7-10.
b Raba ikiganiro kivuga ngo «Ni bande baja mw’ijuru?»

