Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?

Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

Imana ntigira umugore bavyaranye abana. Mugabo ni yo yaremye ibifise ubuzima vyose. (Ivyahishuwe 4:11) Ni co gituma umuntu wa mbere Imana yaremye, ari we Adamu, yitwa “umwana w’Imana.” (Luka 3:38) Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya yigisha ko Yezu yaremwe n’Imana. Ni co gituma Yezu na we nyene yitwa “Umwana w’Imana.”—Yohani 1:49.

Imana yaremye Yezu imbere y’uko irema Adamu. Intumwa Paulo yanditse ku vyerekeye Yezu ati: “Ni we shusho y’Imana itaboneka, imfura mu biremwa vyose.” (Abakolosayi 1:15) Yezu yabayeho imbere cane y’uko avukira mu bwato bw’ibitungwa i Betelehemu. Nkako, Bibiliya ivuga ko “amamo yiwe . . . ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera.” (Mika 5:2) Yezu Umwana w’imfura w’Imana yari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi ari umuntu. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Namanutse mva mw’ijuru.”—Yohani 6:38; 8:23.