Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Kristu azoza mu buhe buryo?

Kristu azoza mu buhe buryo?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya irimwo imirongo myinshi ivuga ibijanye n’igihe Kristu azoza gucira imanza abantu bo kw’isi. * Nk’akarorero, muri Matayo 25:31-33 havuga ngo:

“Umwana w’umuntu [Yezu Kristu] niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa. Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; na we azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene. Azoshira intama iburyo bwiwe, mugabo impene azishire ibubamfu bwiwe.”

Ico gihe co guca urubanza kizoba kiri mu bigize “amakuba akomeye” atigeze abaho muri kahise k’abantu. Ayo makuba akomeye azorangira kuri ya ntambara ya Harumagedoni. (Matayo 24:21; Ivyahishuwe 16:16) Abansi ba Kristu, bagereranywa n’impene, “bazoshikirwa n’igihano c’urubanza c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera.” (2 Abatesalonika 1:9; Ivyahishuwe 19:11, 15) Ariko abasavyi biwe b’abizigirwa, bagereranywa n’intama, bazoronka “ubuzima budahera.”Matayo 25:46.

Kristu azoza ryari?

Yezu yavuze ati: “Ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi.” (Matayo 24:36, 42; 25:13) Yamara rero, yaravuze ibijanye n’“ikimenyetso” kigizwe n’ibintu vyinshi cokwerekanye ko ari hafi kuza.Matayo 24:3, 7-14; Luka 21:10, 11.

Kristu yoba azoza afise umubiri w’impwemu canke w’inyama?

Yezu yazutse afise umubiri w’impwemu, azogaruka rero afise umubiri w’impwemu si uw’inyama. (1 Abakorinto 15:45; 1 Petero 3:18) Ni co gituma buca apfa, yabwiye intumwa ziwe ati: “Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona.”Yohani 14:19.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’ukuza kwa Kristu

Ikinyoma: Iyo Bibiliya ivuze ko abantu bazobona Yezu “aza ku bicu,” bisobanura ko azoza mu buryo buboneka.Matayo 24:30.

Ukuri: Akenshi Bibiliya iravuga ibicu ishaka kuvuga ikintu kitaboneka. (Abalewi 16:2; Guharūra 11:25; Gusubira mu vyagezwe 33:26) Nk’akarorero, Imana yabwiye Musa iti: “Ndaje kuri wewe mu gicu cijimye.” (Kuvayo 19:9) Musa ntiyabonye Imana amaso mu yandi. Muri ubwo buryo nyene, Kristu “aza ku bicu” mu buryo bw’uko abantu bazotahura ko yaje naho batamubona amaso mu yandi.

Ikinyoma: Imvugo ngo “ijisho ryose rizomubona,” ikoreshwa mu Vyahishuwe 1:7 mu kuvuga ibijanye n’ukuza kwa Kristu, umuntu akwiye kuyitahura ukwo nyene iri.

Ukuri: Amajambo y’ikigiriki akoreshwa muri Bibiliya mu kuvuga “ijisho” canke “kubona” rimwe na rimwe aba ashaka kwerekeza ku gutahura canke ku kumenya, aho kwerekeza ku kubona nya kubona. * (Matayo 13:15; Luka 19:42; Abaroma 15:21; Abanyefeso 1:18) Bibiliya ivuga yuko Yezu uwazuwe ari “umwe . . . aba mu muco utegerwa, wa wundi ata n’umwe . . . ashobora kumubona.” (1 Timoteyo 6:16) Ku bw’ivyo, “ijisho ryose rizomubona” mu buryo bw’uko abantu bose bazotahura ko ari we aje gushitsa urubanza rw’Imana.Matayo 24:30.

Ikinyoma: Amajambo dusanga muri 2 Yohani 7 yerekana ko Yezu azoza ari mu mubiri.

Ukuri: Uwo murongo uvuga uti: “Abahendanyi benshi ba[ra]dutse mw’isi, abantu batemera icese Yezu Kristu ko yaje mu mubiri.”

Mu gihe ca Yohani, hari abantu batemera ko Yezu yaje kw’isi afise umubiri w’umuntu. Abo bantu bitwa Abaginositike. Ayo majambo dusanga muri 2 Yohani 7 yanditswe kugira ngo abeshuze ico kinyoma bavuga.

^ ing. 3 Naho abantu bakunze gukoresha imvugo ngo “ukuza kugira kabiri” mu kwerekeza ku kuza kwa Kristu, iyo mvugo ntiboneka muri Bibiliya.

^ ing. 14 Raba igitabu The New Thayer’s Greek-English Lexicon of the New Testament (1981), urupapuro rwa 451 na 470.

Raba n'ibindi

Ubwami bw’Imana ni iki?

Rimbura igituma intwaro y’Imana iruta izindi ntwaro zose.

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Raba ukuntu ivyo abantu badukikuje bakora be n’ingeso zabo vyerekana ko ubu turi mu “misi ya nyuma” Bibiliya yari yaravuze.