Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Abantu babiri bakundana boba bashobora kubana batabiranye imbere y’amategeko?

Abantu babiri bakundana boba bashobora kubana batabiranye imbere y’amategeko?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya ivuga mu buryo butomoye yuko “Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo.” (Abaheburayo 13:4) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubusambanyi” ari ryo por·neiʹa, rirajamwo no guhuza ibitsina imbere y’ukwabirana. Ku bw’ivyo, Imana ntiyemera ko abantu babiri babana batubakanye imbere y’amategeko, naho boba bafise umugambi wo kuzobigira mu nyuma.

Bite ho mu gihe abantu babiri boba bakundana cane? N’ico gihe nyene, Imana isaba ko babirana mu mategeko imbere y’uko bahuza ibitsina. Imana ni yo yaturemanye ubushobozi bwo gukunda. Kamere nyamukuru y’Imana ni urukundo. (1 Yohani 4:8) Ni co gituma ifise imvo yumvikana yo gusaba ishimitse ko ivyo guhuza ibitsina biba hagati y’abubakanye gusa.

 

Raba n'ibindi

Nimwisunge Imana kugira muronke agahimbare mu mubano

Hariho ibibazo bibiri vyoroshe bishobora kubafasha kuryohora umubano wanyu.