Ja ku birimwo

‘Gutera iteka so na nyoko’ bisobanura iki?

‘Gutera iteka so na nyoko’ bisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya iravuga incuro zitari nke itegeko ryo ‘gutera iteka so na nyoko.’ (Kuvayo 20:12; Gusubira mu vyagezwe 5:16; Matayo 15:4; Abanyefeso 6:2, 3) Ivyo bisaba gukora ibi bintu bine nyamukuru:

  1.   Kubaha agaciro. Werekana ko utera iteka so na nyoko mu gukenguruka ivyo bagukoreye vyose. Urashobora kwerekana ko ubaha agaciro mu gukurikiza ubuyobozi baguha. (Imigani 7:1, 2; 23:26) Bibiliya ikuremesha kubona abavyeyi bawe ko ari “ubwiza” bwawe, ni ukuvuga ukabishimira.—Imigani 17:6.

  2.   Kwemera ubukuru bwabo. Werekana ko utera iteka so na nyoko mu kwemera ubukuru bahawe n’Imana, na canecane igihe ukiri muto. Mu Bakolosayi 3:20 hahanura abakiri bato hati: “Mugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama.” Na Yezu akiri muto yaragamburukira abavyeyi biwe.—Luka 2:51.

  3.   Kubafatana icubahiro. (Abalewi 19:3; Abaheburayo 12:9) Ivyo akenshi usanga bifitaniye isano n’ivyo ubabwira hamwe n’ingene ubibabwira. Ni ivy’ukuri ko hari abavyeyi bishika bagakora ibintu bituma kubagamburukira bitoroha. No muri ico gihe nyene, abana barashobora kwerekana ko babubaha mu kwirinda imvugo n’ibikorwa bitaranga icubahiro. (Imigani 30:17) Bibiliya irerekana ko gutuka so canke nyoko ari igicumuro gikomeye.—Matayo 15:4.

  4.   Kubaronsa ivyo bakeneye. Igihe abavyeyi bawe bageze mu busaza, boshobora gukenera gufashwa bimwe biboneka. Niwerekane ko ubatera iteka mu gukora ivyo ushoboye vyose kugira ubaronse ivyo bakeneye. (1 Timoteyo 5:4, 8) Nk’akarorero, gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yaratunganije ivy’uko nyina wiwe yokwitwararikwa bikwiye.—Yohani 19:25-27.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye no gutera iteka so na nyoko

 Iciyumviro kitari co: Werekana ko utera iteka so na nyoko mu kureka bakaba ari bo bafata ingingo mu mubano wawe.

 Ukuri: Bibiliya yigisha ko ubucuti abubakanye bagiranira ari bwo buza imbere y’ubundi bucuti bogirana n’uwundi muntu uwo ari we wese. Mw’Itanguriro 2:24 havuga hati: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe.” (Matayo 19:4, 5) Ni ivy’ukuri ko abubakanye bashobora kwungukira ku mpanuro bahabwa n’abavyeyi babo. (Imigani 23:22) Yamara rero, abubakanye barashobora gushiraho uburimbi kugira ngo incuti zabo ntizibavogere mu mubano wabo.—Matayo 19:6.

 Iciyumviro kitari co: So na nyoko bafise ubukuru ntayegayezwa.

 Ukuri: Naho Imana yahaye abavyeyi ubukuru mu muryango, ubukuru bw’abantu buragira aho bugarukira. Ntibwigera burengera ubukuru bw’Imana. Nk’akarorero, igihe sentare nkuru yategeka abigishwa ba Yezu kugambararira Imana, bishuye bati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Ivyakozwe 5:27-29) Muri ubwo buryo nyene, abana baragamburukira abavyeyi babo “mu bumwe n’Umukama,” ni ukuvuga mu bintu vyose bidateye kubiri n’amategeko y’Imana.—Abanyefeso 6:1.

 Iciyumviro kitari co: Gutera iteka so na nyoko bisaba ko uja mw’idini ryabo.

 Ukuri: Bibiliya ituremesha gusuzuma ivyo twiga kugira turabe ko ari ukuri. (Ivyakozwe 17:11; 1 Yohani 4:1) Igihe umuntu yisuzumiye ivyo yiga, arashobora guhitamwo kuja mw’idini ritandukanye n’iryo abavyeyi biwe barimwo. Bibiliya iravuga uburorero butari buke bw’abasavyi b’Imana b’abizigirwa batakurikiye idini ry’abavyeyi babo, aho hakaba harimwo Aburahamu, Rusi n’intumwa Paulo.—Yosuwa 24:2, 14, 15; Rusi 1:15, 16; Abagalatiya 1:14-16, 22-24.

 Iciyumviro kitari co: Gutera iteka so na nyoko bisaba ko na wewe ugira uruhara mu migenzo yabo ijanye no gusenga aba kera.

 Ukuri: Bibiliya ivuga iti: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Luka 4:8) Umuntu asenga aba kera ntahimbara Imana. Kanatsinda, Bibiliya yigisha ko ‘abapfuye ata co bazi namba.’ Ntibashobora kumenya ko uriko urabasenga, eka kandi ntibashobora gufasha abazima canke kubagirira nabi.—Umusiguzi 9:5, 10; Yesaya 8:19.