Ja ku birimwo

Kubera iki abantu bapfa?

Kubera iki abantu bapfa?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ni ibisanzwe kwibaza igituma abantu bapfa, na canecane igihe twabuze uwacu. Bibiliya ivuga iti: “Uruboyi ruzana urupfu ni igicumuro.”—1 Abakorinto 15:56.

Kubera iki abantu bose bacumura kandi bagapfa?

 Abantu ba mbere Adamu na Eva baratakaje ubuzima bwabo kubera ko bacumuye ku Mana. (Itanguriro 3:17-19) Urupfu ni co kintu conyene cari kuva ku kuba baragararije Imana, kuko ku Mana ari ho hari “isôko ry’ubuzima.”—Zaburi 36:9; Itanguriro 2:17.

 Adamu yaranduje igicumuro abamukomotseko bose. Bibiliya ivuga iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Abantu bose barapfa kuko bose bacumura.—Abaroma 3:23.

Ukuntu urupfu ruzokurwaho

 Imana irasezerana ko hazogera igihe “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera.” (Yesaya 25:8) Mu gukuraho urupfu, ibwirizwa gukuraho icaruteye, ari co gicumuro. Ivyo Imana izobigira biciye kuri Yezu Kristu, we “[a]kuraho igicumuro c’isi.”—Yohani 1:29; 1 Yohani 1:7.