INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Ikirundi
Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?
https://cms-imgp.jw-cdn.org/img/p/502012525/univ/art/502012525_univ_sqr_xl.jpg
ijwbq ikiganiro 27

Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Inyishu Bibiliya itanga

 Urashobora gusenga Imana uyisaba ikintu ico ari cose gihuye n’ivyo isaba biri muri Bibiliya. Ivuga iti: Ico dusaba cose twisunze ukugomba kw’Imana, iratwumva.’ (1 Yohani 5:14) Woba ushobora gushiramwo ibikuraje ishinga? Ego cane. Bibiliya ivuga iti: “Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere [y’Imana].”—Zaburi 62:8, Bibiliya Yera.

Ivyo ushobora gusaba Imana mw’isengesho

  •   Ukwizera Imana.—Luka 17:5.

  •   Impwemu nyeranda, ari yo nguvu ikora y’Imana, kugira igufasha gukora ibibereye.—Luka 11:13.

  •   Inkomezi zo kwihanganira ingorane no kunanira inyosha mbi.—Abafilipi 4:13.

  •   Amahoro yo mu mutima, ugutekanirwa.—Abafilipi 4:6, 7.

  •   Ubukerebutsi bwo gufata ingingo nziza.—Yakobo 1:5.

  •   Ivyo ukenera ku musi ku musi.—Matayo 6:11.

  •   Guharirwa ivyaha.—Matayo 6:12.