Ja ku birimwo

Ipurugatori yoba ivugwa muri Bibiliya?

Ipurugatori yoba ivugwa muri Bibiliya?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya. Ijambo “ipurugatori” ntiriboneka muri Bibiliya, eka mbere Bibiliya ntiyigisha ko imitima y’abantu bapfuye ija gutyororerwa mw’ipurugatori. a Raba ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’icaha n’urupfu. Uraza kubona ko ivyo ivuga ata ho bihuriye na gato n’iyo nyigisho y’ipurugatori.

  •   Kwizera amaraso ya Yezu ni vyo bityorora umuntu ibicumuro, si ukumara igihe mu citwa ipurugatori. Bibiliya ivuga ko ‘amaraso ya Yezu Umwana w’Imana, adutyorora igicumuro cose’ be n’uko “Yezu Kristu . . . [adukiza] ibicumuro vyacu mu maraso yiwe.” (1 Yohani 1:7; Ivyahishuwe 1:5, Bibiliya Nyeranda) Yezu yatanze “ubuzima bwiwe ngo abere incungu benshi,” ngo arihe ibicumuro vyabo.​—Matayo 20:28, Bibiliya Nyeranda.

  •   Abapfuye nta co bazi. “Ereg’abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5, Bibiliya Yera) Uwapfuye nta na kimwe ashobora kwumva. Ku bw’ivyo rero, umuriro w’ipurugatori ntushobora kumutyorora.

  •   Umuntu amaze gupfa, ntasubira guhanirwa ibicumuro aba yarakoze akiri muzima. Bibiliya ivuga ko “impera y’igicumuro [ari] urupfu” be n’uko “uwapfuye yabaye intungane mu vyerekeye igicumuro.” (Abanyaroma 6:​7, 23, Bibiliya Nyeranda) Urupfu ni co gihano gikwiranye n’igicumuro kandi kirahagije.

a Ku bijanye n’ipurugatori, igitabu kimwe (Orpheus: A General History of Religions) kivuga giti: “Iryo jambo ntiriboneka mu Njili.” N’ikindi kandi, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (New Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Muri make, inyigisho y’ipurugatori yigishwa muri Gatolika ishingiye ku migenzo, ntishingiye ku Vyanditswe vyeranda.”​—Integuro ya kabiri, igitabu ca 11, urupapuro rwa 825.

b Raba New Catholic Encyclopedia, integuro ya kabiri, igitabu ca  11, urupapuro rwa 824.