Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Imana yoba ibaho?

Imana yoba ibaho?

Inyishu Bibiliya itanga

Ego cane, Bibiliya iratanga ikimenyamenya kijijura c’uko Imana iriho. Ituremesha kwizera Imana, atari ugupfa kwemera ivyiyumviro bishikirizwa n’amadini, ahubwo tugakoresha “ububasha bwo kwiyumvira” be n’“ubushobozi bwo gutegera.” (Abaroma 12:1; 1 Yohani 5:20) Zirikana ku vyiyumviro bikurikira bishingiye kuri Bibiliya:

  • Urutonde rurangwa mu binyabuzima biri kw’isi no ku kirere rurerekana ko hariho Umuremyi. Bibiliya ivuga iti: “Nkako, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Abaheburayo 3:4) Naho ico ari iciyumviro gisanzwe, abantu benshi bize babona ko gikomeye cane. *

  • Twebwe abantu turafise icipfuzo mvukanwa co gutahura intumbero y’ubuzima, ico cipfuzo kikaba gishobora kugumaho naho twoba tumaze kwironsa ivyo dukenera mu vy’umubiri. Ico kiri mu bintu “vy’impwemu” Bibiliya ivuga ko dukeneye, ivyo bikaba birimwo icipfuzo co kumenya Imana no kuyisenga. (Matayo 5:3; Ivyahishuwe 4:11) Ico cipfuzo nticerekana gusa ko Imana ibaho, ariko kandi kirerekana ko ari Umuremyi yuzuye urukundo yipfuza kuturonsa ivyo dukenera.Matayo 4:4.

  • Hari ibintu vy’ido n’ido vyanditswe muri Bibiliya hagisigaye imyaka amajana ngo bibe, biraheza biba nk’uko vyari vyaravuzwe. Ukuntu vyarangutse ata gahaze birerekana neza ko bitavuye ku muntu.2 Petero 1:21.

  • Abanditse Bibiliya bari bafise ubumenyi bwo mu vya siyansi burengeye ugutahura kw’abantu bo mu gihe cabo. Nk’akarorero, kera abantu benshi biyumvira ko isi yari iteretse ku gikoko, nk’inzovu, ingurube y’inyeshamba canke ishuri. Ariko rero, Bibiliya ivuga ko Imana “isi iyeneneka ku busa.” (Yobu 26:7) Bibiliya kandi iradondora neza imero y’isi, ikavuga ko ari “umuzingi,” canke “umubumbe.” (Yesaya 40:22; Douay Version) Abantu benshi babona yuko ubwo bumenyi buhanitse ari ikimenyamenya c’uko ivyo abanditsi ba Bibiliya banditse vyava ku Mana.

  • Bibiliya irishura ibibazo vyinshi bitoroshe, ibibazo bishobora gutuma umuntu ahakana ko ata Mana ibaho aramutse atabironkeye inyishu zishimishije. Nk’akarorero: Nimba Imana idukunda kandi ikaba ishoboye vyose, ni kubera iki isi yuzuye imibabaro n’ibibi? Kubera iki idini akenshi rituma haba amabi aho gutuma haba ivyiza?Tito 1:16.

^ ing. 4 Nk’akarorero, ku bijanye n’isi hamwe n’ibiri mu kirere, umuhinga mu vy’imibumbe Allan Sandage igihe kimwe yavuze ati: “Mbona ko ari ikintu kidashoboka na gato yuko urutonde nk’urwo rwoba rwapfuye kwiyadukiza. Hategerezwa kuba hariho icatumye habaho urwo rutonde. Kuri jewe Imana ni ikintu gisiga ubwenge, mugabo ni yo yokwitirirwa ca gitangaro c’ukubaho kw’ibintu, igituma ibintu biriho.”

Raba n'ibindi

Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?

Woba wibaza ko Imana ikubabaye ku giti cawe? Niwige ibijanye na kamere zayo be n’ukuntu ushobora kuyiyegereza.

Umushakashatsi asigura icatumye yemera Imana

Frédéric Dumoulin yarashegeshwe n’amadini aca areka kwemera Imana. Kwiga Bibiliya no kwihweza ingene ibinyabuzima bimeze vyamujijuye gute ko hariho Umuremyi?