Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Imana yoba iba hose?

Imana yoba iba hose?

Inyishu Bibiliya itanga

Imana irashoboye kubona vyose no gukorera aho ishatse hose. (Imigani 15:3; Abaheburayo 4:13) Ariko, Bibiliya ntiyigisha ko Imana iri ahantu hose no mu bintu vyose. Ahubwo, irerekana ko ifise aho yibera.

  • Uko Imana imeze: Imana ni impwemu. (Yohani 4:24) Abantu ntibashobora kuyibona. (Yohani 1:18) Ivyo abantu bagiye barerekwa vyanditse muri Bibiliya, birerekana Imana iri mu bibanza kandondwa. Ntiyigera adondorwa ko aba ahantu hose.—Yesaya 6:1, 2; Ivyahishuwe 4:2, 3, 8.

  • Aho Imana iba: Imana iba mu karere ko mw’ijuru, atari ahantu dushobora kubona. Muri ako karere Imana irahafise “ahantu [i]ba, mu majuru.” (1 Abami 8:30) Bibiliya yerekana ko igihe kimwe abana b’Imana “binji[ye] guhagarara imbere ya Yehova.” * Bica vyerekana rero ko Imana ifise ahantu neza na neza iba.—Yobu 1:6.

Nk’uko Bibiliya ibivuga, Yehova ni izina ry’Imana.

Nimba Imana itari hose, yoba none ishobora kunyitwararika ku giti canje?

Ego. Imana iritwararika cane umwumwe ku giti ciwe. Naho iba mw’ijuru, irabona abantu bari kw’isi bipfuza kuyihimbara vy’ukuri, maze ikabafasha. (1 Abami 8:39; 2 Ngoma 16:9) Nurabe ukuntu Yehova yerekana ko yitwararika abamusenga ata buryarya:

  • Igihe usenga: Yehova arashobora kwumva ivyo umusenga kuri uwo mwanya nyene uba uriko uramusenga.—2 Ngoma 18:31.

  • Igihe wishwe n’intuntu: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”—Zaburi 34:18.

  • Igihe ukeneye ubuyobozi: Yehova ‘azotuma ugira ugutahura kwimbitse yongere akwigishe’ biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya.—Zaburi 32:8.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’uko Imana iri hose

Iciyumviro kitari co: Imana iri mu kintu cose caremwe.

Ukuri: Imana ntiba kw’isi canke ahandi hantu twe dushobora kubona. (1 Abami 8:27) N’ivy’ukuri ko inyenyeri n’ibindi vyose yaremye “[bi]menyesha ubuninahazwa bw’Imana.” (Zaburi 19:1) Ariko rero, Imana ntiba mu vyo yaremye nka kurya umuhinga mu vyo gucapa adashobora kuba mu vyo yacafye. Ariko ntiwumve, umuntu arashobora kumenya ivyerekeye uwo muhinga arabiye ku vyo yacafye. Mu buryo busa n’ubwo, ivyo tubona biraduhishurira “kamere zitaboneka,” z’Umuremyi nk’ububasha bwiwe, ubukerebutsi bwiwe be n’urukundo rwiwe.—Abaroma 1:20.

Iciyumviro kitari co: Imana atabaye ahantu yose, ntiyomenya vyose kandi ntiyoba mushoboravyose.

Ukuri: Imana ikoresha impwemu nyeranda ari zo nguvu zayo. Biciye ku mpwemu nyeranda yayo, Imana irashobora kumenya ikintu ico ari co cose no kugira ico igikozeko, aho kiri hose no ku gihe ico ari co cose, itiriwe irahibera.—Zaburi 139:7.

Iciyumviro kitari co: Muri Zaburi 139:8 herekana ko Imana iri hose kubera havuga hati: “Hamwe noduga mw’ijuru, ni yo woba uri; Hamwe na ho nosasa uburiri bwanje mu kuzimu, ehe ni yo woba uri.”

Ukuri: Iki canditswe ntikiriko kivuga aho Yehova aba. Mu buryo bwo kuryosha imvugo, cerekana ko naho twoba turi kure cane gute, Imana itonanirwa kudufasha.

^ ing. 5 Yehova n’izina ry’Imana nkuko ryahishuwe muri Bibiliya.