Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ni ikimenyetso ikihe kiranga “imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?

Ni ikimenyetso ikihe kiranga “imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya iradondora ibintu be n’ibihe vyoranze “insozero y’ivy’isi” canke “umuhero w’isi.” (Matayo 24:3; Bibiliya Yera) Ico kiringo Bibiliya icita “imisi ya nyuma,” ‘igihe c’iherezo’ canke “imisi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1; Daniyeli 8:19; Bibiliya Yera) Iyo misi ya nyuma, ari yo misi y’iherezo, yoranzwe n’ibi bintu bikurikira vyari vyaravuzwe:

  • Intambara zikwiye kw’isi yose.—Matayo 24:7; Ivyahishuwe 6:4.

  • Amapfa.—Matayo 24:7; Ivyahishuwe 6:5, 6.

  • Vya nyamugigima bikomakomeye.—Luka 21:11.

  • Indwara z’ibiza.—Luka 21:11.

  • Ukugwira kw’ubugarariji.—Matayo 24:12.

  • Abantu bokwononye isi.—Ivyahishuwe 11:18.

  • Ugutituka gukomeye kw’inyifato y’abantu, kuko benshi bobaye ari “intashima, ibihemu, . . . badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya.”—2 Timoteyo 3:1-4.

  • Ugusambuka kw’imiryango, kubera yobaye igizwe n’abantu “batiyumvamwo ababo” hamwe n’abana “bagambararira abavyeyi.”—2 Timoteyo 3:2, 3.

  • Urukundo rw’Imana rwokanye mu bantu benshi.—Matayo 24:12.

  • Ukwiyorobeka kw’abitwa ngo barasenga.—2 Timoteyo 3:5.

  • Ukurushiriza gutahura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, harimwo n’ubwerekeye imisi ya nyuma.—Daniyeli 12:4.

  • Ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose.—Matayo 24:14.

  • Ukutitaho mbere no gusuzugura ibimenyamenya vy’uko umuhero wegereje.—Matayo 24:37-39; 2 Petero 3:3, 4.

  • Ivyo bintu vyose duhejeje kuvuga vyobereye rimwe, ntihobaye bike gusa canke vyinshi muri vyo.—Matayo 24:33.

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Egome. Ibiba kw’isi n’ivyo Bibiliya yari yaravuze vyerekana ko imisi ya nyuma yatanguye mu mwaka wa 1914. Kuva ico gihe, Ubwami bw’Imana bwaratanguye kuganza mw’ijuru. Ikintu ca mbere ubwo Bwami bwakoze kwabaye ukwirukana Shetani n’amadayimoni yiwe mw’ijuru, maze bakororerwa ng’aha kw’isi. (Ivyahishuwe 12:7-12) Akosho ka Shetani turakabonera ku gatima kabi abantu bafise no ku bikorwa bibi bakora bigatuma iyi misi ya nyuma iba ‘iyitoroshe n’iyigoye kwihanganira.’—2 Timoteyo 3:1.

Raba n'ibindi

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Raba ukuntu ivyo abantu badukikuje bakora be n’ingeso zabo vyerekana ko ubu turi mu “misi ya nyuma” Bibiliya yari yaravuze.

Intambara ya Harumagedoni ni iki?

Ijambo Harumagedoni riboneka rimwe gusa muri Bibiliya, ariko ivyerekeye iyo intambara biravugwa muri Bibiliya yose.