Ja ku birimwo

Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?

Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya yigisha ko mu biremwa vyose vyo kw’isi, abantu bakeyi gusa ari bo bazoja mw’ijuru. (Ivyahishuwe 14:1, 3) Baja kuba abami n’abaherezi bafadikanya na Yezu kuganza. (Luka 22:28-30; Ivyahishuwe 5:9, 10) Abandi bantu benshi bazozukira kuba mw’isi izoba yabaye iparadizo.​—Zaburi 37:11, 29.

Nta na hamwe Bibiliya yerekana ko mw’ijuru hariho ikibanza categuriwe ibikoko, kandi ivyo birumvikana kuko ibikoko bidashobora gushitsa ivyo Imana isaba ‘abahamagariwe ijuru.’ (Abaheburayo 3:1) Muri ivyo bisabwa harimwo kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana, kuyizera no kugamburuka amategeko yayo. (Matayo 19:17; Yohani 3:16; 17:3) Abantu ni bo bonyene baremwe bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.​—Itanguriro 2:16, 17; 3:22, 23.

Kugira bishoboke ko abantu baja mw’ ijuru bategerezwa kuzuka. (1 Abakorinto 15:42) Bibiliya irimwo uburorero bw’abantu benshi bazutse. (1 Abami 17:17-24; 2 Abami 4:32-37; 13:20, 21; Luka 7:11-15; 8:41, 42, 49-56; Yohani 11:38-44; Ivyakozwe 9:36-42; 20:7-12) Ariko nta na hamwe ivuga ibikoko vyazutse.

 Iyo ibikoko bipfuye bibigendera gute?

Bibiliya yerekana ko Imana ibona ko ubuzima bw’abantu n’ubw’ibikoko ari cokimwe. (Guharūra 31:28) Ibikoko n’abantu vyose bigizwe n’ibintu bibiri: “umukungugu w’ubutaka” n’“impemu y’ubuzima.”​—Itanguriro 2:7.

Bibiliya yigisha ko abantu n’ibikoko vyose bipfa. (Kuvayo 19:13) Bipfuye, vyose bisubira mu mukungugu. (Umusiguzi 3:19, 20) Mu yandi majambo, bica bireka kubaho. *

 Ibikoko vyoba bicumura?

Oya. Gucumura ni ukwiyumvira canke gukora ibiteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana. Kugira ikiremwa kanaka gicumure, bisaba ko kiba gishoboye gufata ingingo, ivyo na vyo ibikoko nta vyo bishoboye. Mu kiringo gitoyi bibaho, biba bigenza itima. (2 Petero 2:12) Amaherezo birapfa naho nyene bitaba vyaracumuye.

 Kwica rubi ibikoko vyoba vyemewe?

Oya. Imana yarahaye abantu ububasha bwo kugaba ibikoko ariko ntiyabahaye uburenganzira bwo kubifata nabi. (Itanguriro 1:28; Zaburi 8:6-8) Imana iritwararika ibikoko, mbere n’utunyoni dutoduto. (Yona 4:11; Matayo 10:29) Yategetse abasavyi bayo kwitaho ibikoko.​—Kuvayo 23:12; Gusubira mu vyagezwe 25:4; Imigani 12:10.

^ ing. 5 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 6 c’igitabu Bibiliya itwigisha iki?