Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ibatisimu ni iki?

Ibatisimu ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Ibatisimu iba igihe umuntu yibijwe mu mazi hanyuma agakurwayo. * Ivyo birasigura igituma Yezu yabatijwe mu ruzi rurimwo amazi menshi. (Matayo 3:13, 16) Muri ubwo buryo nyene, Umunyetiyopiya yasavye kubatizwa bashikiriye “ikidengeri c’amazi.”Ivyakozwe 8:36-40.

Ico kubatizwa bisobanura

Bibiliya igereranya ibatisimu n’uguhamba. (Abaroma 6:4; Abakolosayi 2:12) Igihe umuntu abatijwe ni nk’aho aba apfuye ku bijanye n’ubuzima bwa kera agaca atangura ubuzima bushasha ari umukirisu yiyeguriye Imana. Ibatisimu hamwe n’intambwe zishikana kw’ibatisimu ni intunganyo Imana yashizeho ituma umuntu agira ijwi ryo mu mutima ryiza rishingiye ku kwizera incungu ya Yezu Kristu. (1 Petero 3: 21) Ku bw’ivyo, Yezu yavuze ko abigishwa biwe bategerezwa kubatizwa.Matayo 28:19, 20.

Ibatisimu yo mu mazi yoba yoza igicumuro?

Oya. Bibiliya yigisha ko dushobora kwozwa ivyaha biciye gusa ku maraso ya Yezu yasheshwe. (Abaroma 5:8, 9; 1 Yohani 1:7) Ariko kugira umuntu yungukire ku ncungu ya Yezu, ategerezwa kumwizera, agahindura ubuzima bwiwe kugira abeho yisunga ivyo Yezu yigishije, hanyuma akabatizwa.Ivyakozwe 2:38; 3:19.

Bibiliya yoba ivuga ko inzoya zikwiye kubatizwa?

Oya, nta vyo ivuga. Mu madini amwamwe igihe babatiza uruyoya baca baruha izina. Ibatisimu ya gikirisu ni iy’abakuze bashobora gutahura kandi bakizera “inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Ivyakozwe 8:12) Bisaba kwumva Ijambo ry’Imana, kuryemera no kwigaya; ivyo na vyo uruyoya rukaba rutobigira.Ivyakozwe 2:22, 38, 41.

Vyongeye, Bibiliya irerekana ko Imana ibona ko abana bato bafise abavyeyi bakirisu ari beranda canke badahumanye kubera abavyeyi babo ari abizigirwa. (1 Abakorinto 7:14) Iyo ibatisimu y’inzoya iba yemewe, abo bana ntibobaye bakeneye kwezwa biciye ku wundi muntu. *

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’ibatisimu ya gikirisu

Iciyumviro kitari co: Kumijagira canke gusuka amazi ku muntu ni uburyo bwemewe busubirira kwibizwa wese.

Ukuri: Amabatisimu yose avugwa muri Bibiliya yagirwa mu kwibizwa. Nk’akarorero, igihe umwigishwa Filipo yabatiza wa Munyetiyopiya, “bamanu[tse] mu mazi.” Bahejeje, baciye ‘baduga bava mu mazi.’Ivyakozwe 8:36-39. *

Iciyumviro kitari co: Bibiliya ivuga ko hari igihe abagize urugo bose babatizwa, uca wumva ko n’inzoya zarimwo. Nk’akarorero, ivuga ku bijanye n’umurinzi w’ibohero w’i Filipi iti: “We n’abiwe, barabatizwa.”Ivyakozwe 16:31-34.

Ukuri: Inkuru y’uguhinduka kw’uwo murinzi w’ibohero yerekana ko abo babatijwe batahura “ijambo rya Yehova” kandi ko ‘banezerewe cane.’ (Ivyakozwe 16:32, 34) Ivyo vyerekana ko ata ruyoya rwo mu rugo rw’uwo murinzi w’ibohero rwabatijwe, kubera rutari gutahura ijambo rya Yehova.

Iciyumviro kitari co: Yezu yarigishije ko inzoya zikwiye kubatizwa igihe yavuga ko Ubwami ari ubw’abana batoyi.Matayo 19:13-15; Mariko 10:13-16.

Ukuri: Yezu ntiyariko avuga ibijanye n’ibatisimu igihe yavuga ayo majambo. Ahubwo, yariko yerekana ko abazokwinjira mu Bwami bw’Imana bategerezwa kumera nk’abana, bakaba abantu batekereza kandi bemera kwigishwa.Matayo 18:4; Luka 18:16, 17.

^ ing. 3 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe “ibatisimu” rivuye mw’ijambo risobanura “kudwibiza.” Raba igitabu Theological Dictionary of the New Testament, Volume I, urupapuro rwa 529.

^ ing. 10 Nk’uko bivugwa mu gitabu The International Standard Bible Encyclopedia, “mw’Isezerano rishasha nta ho dusanga ivy’ukubatiza inzoya.” Ico gitabu kivuga kandi ko uwo mugenzo wakomotse ku “kubona akamaro k’ibatisimu mu buryo butari bwo kandi ndenza rugero,” ni ukuvuga ko ibatisimu ubwayo yoza ibicumuro.—Volume 1, urupapuro rwa 416-417.

^ ing. 13 Munsi y’agatwe kavuga ngo “Ibatisimu (muri Bibiliya),” igitabu New Catholic Encyclopedia kivuga giti: “Biragaragara ko mw’ishengero ryo mu ntango ibatisimu yagirwa mu kwibizwa.”—Volume 2, urupapuro rwa 59.