Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guhohosha umuntu?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guhohosha umuntu?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya ntivuga mu buryo budomako ibijanye no guhohosha umuntu. * Ariko rero, ivyo ivuga ku bijanye n’ubuzima be n’urupfu biradufasha kubona ibintu mu buryo bubereye. Kwiyaka ubuzima canke kubwaka abandi ntivyemewe, ariko si ngombwa ngo dukore ibishoboka vyose kugira ubuzima bubandanye kandi umuntu ari ku mpfiro.

Bibiliya yerekana ko Imana ari yo Muremyi wacu. Ni yo “sôko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9; Ivyakozwe 17:28) Imana ibona ko ubuzima ari ubw’agaciro cane. Ku bw’ivyo, iranka ivyo kwiyaka ubuzima canke kubwaka abandi. (Kuvayo 20:13; 1 Yohani 3:15) Vyongeye, Bibiliya irerekana ko dukwiye gufata ingingo zibereye kugira twikingire twongere dukingire abandi. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Biragaragara ko Imana yipfuza yuko duha agaciro ingabire y’ubuzima.

Bite ho hamwe umuntu yoba ari ku mpfiro?

Bibiliya ntishigikira ivyo kwica umuntu naho yoba ageze kure ku buryo yoba atagikira. Ivyashikiye Sauli umwami wa Isirayeli biravyerekana. Igihe yari yakomeretse cane mu rugamba, yarasavye uwamutwaza ibirwanisho ngo amuhohoshe. (1 Samweli 31:3, 4) Ariko uwo muntu yaranse. Yamara mu nyuma hari uwundi mugabo yibesheye ngo ni we yahohosheje Sauli. Dawidi yavuze ko uwo mugabo yagirwa n’amaraso. Kanatsinda Dawidi yabona ico kintu nk’uko Imana ikibona.​—2 Samweli 1:6-16.

Twoba twokora ibishoboka vyose kugira ubuzima bubandanye?

Igihe bigaragara neza ko umurwayi ari ku mpfiro, Bibiliya ntidusaba gukora ibishoboka vyose kugira ngo ntacikane. Ahubwo iradufasha kubona ibintu mu buryo bubereye. Urupfu ni umwansi wacu kandi ni ingaruka y’igicumuro twarazwe. (Abaroma 5:12; 1 Abakorinto 15:26) Naho tutorwisabira, ntidukwiye kurutinya kubera ko Imana isezerana kuzozura abapfuye. (Yohani 6:39, 40) Umuntu yubaha ubuzima ararondera kuvurwa mu buryo bwiza bushoboka. Ariko ivyo ntibisobanura kurondera uburyo bwo kuvurwa butuma umuntu abandanya kubaho kandi kagira gace.

Kwiyahura coba ari igicumuro kidaharirwa?

Uwokubesha! Bibiliya ntivuga ko ukwiyahura ari igicumuro kidaharirwa. Naho kwiyahura ari igicumuro gikomeye, * Imana iratahura neza ko hari ibintu bishobora gutuma umuntu agira ivyiyumviro vyo kwiyahura, nko kurwara mu mutwe, akabonge gakomeye be n’akameremere ko mu muryango. (Zaburi 103:13, 14) Imana ibicishije kuri Bibiliya irahumuriza abari mu mubabaro. N’ikindi kandi, Bibiliya ivuga yuko hazoba “izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyakozwe 24:15) Ivyo biratwereka ko hariho icizigiro c’uko abantu bakoze amakosa akomeye nko kwiyahura bashobora kuzozuka.

^ ing. 1 Guhohosha, ari kwo kudendura, ni ukwica umuntu arwaye cane canke yakomeretse kugira umuruhurire umubabaro. Igihe umuganga ahohosheje umurwayi ari uwo murwayi nyene abimusavye vyitwa kwiyahura ufashijwe na muganga.

^ ing. 5 Abantu bake bavugwa muri Bibiliya ko biyahuye bose ntibakora ivyo Imana igomba.​—2 Samweli 17:23; 1 Abami 16:18; Matayo 27:3-5.