Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

Ico Bibiliya ibivugako

Abana bakuze bari n’ibanga rihambaye ryo kwitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Bibiliya ivuga ko abana bakuze bakwiye “kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo . . . , bishimwa mu nyonga z’Imana.” (1 Timoteyo 5:4, Bibiliya Yera) Igihe abana bakuze bitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru, baba kandi bakurikije impanuro Bibiliya itanga yo gutera iteka abavyeyi babo.​—Abanyefeso 6:2, 3.

Bibiliya ntitanga amategeko adomako y’ukuntu abana bokwitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Ariko rero, iratanga uburorero bw’abagabo n’abagore bafise ukwizera babigize. Iratanga kandi impanuro ngirakamaro zofasha abitwararika abavyeyi babo.

 Mu bihe vya Bibiliya abagize umuryango bamwebamwe bitwararika gute abavyeyi bageze mu za bukuru?

Babigira mu buryo butandukanye bivanye n’uko ibintu vyaba vyifashe.

  • Yozefu yaba kure y’aho se wiwe Yakobo yaba, uno akaba yari ashaje. Igihe yaronka ubushobozi, yaratunganije ivy’uko Yakobo yimukira hafi yiwe. Yozefu yaciye aronsa uburaro se wiwe, aza aramugaburira, yongera aramukingira.​—Itanguriro 45:9-11; 47:11, 12.

  • Rusi yarimukiye mu gihugu inabukwe yavamwo kandi yarakora cane kugira amwitwararike.​—Rusi 1:16; 2:2, 17, 18, 23.

  • Yezu, na we nyene imbere gato y’uko apfa, yaragenye uwokwitwararitse nyina wiwe Mariya, ico gihe bikaba bishoboka ko yari umupfakazi.​—Yohani 19:26, 27. *

 Ni impanuro izihe Bibiliya itanga zofasha abitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

Bibiliya irimwo impanuro zishobora gufasha mu bijanye n’ibanga ryo kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru, naho rimwe na rimwe usanga biruhisha ku mubiri no mu bwenge.

  • Tera iteka abavyeyi bawe.

    Bibiliya ivuga iti: “Tera iteka so na nyoko.”​—Kuvayo 20:12.

    Wokurikiza gute iyo mpanuro? Nutere iteka abavyeyi bawe mu kubareka bakitunganiriza ivyabo nk’uko bipfuza igihe bakibishoboye. Igihe bishoboka, nubareke bifatire ingingo zijanye n’ingene bokwitwararikwa. Ariko kandi, nubereke ko ubatera iteka mu kuza urabafasha mu vyo ushoboye.

  • Nubatahure kandi ubihanganire.

    Bibiliya ivuga iti: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.”​—Imigani 19:11.

    Wokurikiza gute iyo mpanuro? Igihe umuvyeyi ageze mu zabukuru avuze ikintu kibabaza canke agasa n’uwudakenguruka ivyo umukorera, niwibaze uti: ‘Iyaba ndi we, nokwiyumva gute mu bihe nk’ivyo?’ Ugerageje kubatahura kandi ukabihanganira, vyotuma wirinda kwunyura ibintu.

  • Nuhanuze abandi.

    Bibiliya ivuga iti: “Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga, mugabo mu bajanama indiri haragira igishitsweko.”​—Imigani 15:22.

    Wokurikiza gute iyo mpanuro? Gira ubushakashatsi kugira umenye ico wokora mu ngorane z’amagara abavyeyi bawe boba bafise. Nurondere kumenya amashirahamwe y’aho iwanyu yofasha kubitwararika. Nuganire n’abigeze kwitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Nimba ufise abo muvukana, nimugire inama y’umuryango muganire ivyo abavyeyi banyu bakeneye, ingene mwobitwararika, be n’ingene mwofashanya kubitwararika.

    Nimugire inama y’umuryango kugira muganire ingene mwokwitwararika abavyeyi banyu bageze mu zabukuru

  • Nukore ibitegereka.

    Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.”​—Imigani 11:2.

    Wokurikiza gute iyo mpanuro? Numenye ko hari ivyo udashoboye. Nk’akarorero, twese ntidufise umwanya be n’inguvu bingana. Ivyo birashobora kugira ico bikoze ku vyo ushoboye gukorera abavyeyi bawe. Nimba wumva kwitwararika abavyeyi bawe bituma usanzara, niwiture incuti canke abasanzwe bakora umwuga wo kwitwararika abantu nk’abo ngo bagufashe.

  • Ntiwiyibagire.

    Bibiliya ivuga iti: “[Nta] muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo.”​—Abanyefeso 5:29.

    Wokurikiza gute iyo mpanuro? Naho ufise ibanga ryo kwitwararika abavyeyi bawe, urakeneye no kwitwararika ivyo ukeneye be n’ivyo abagize umuryango wawe nimba wubatse. Urakeneye gufungura neza. Urakeneye kuryama no kuruhuka mu buryo bubereye. (Umusiguzi 4:6) Nuze uracishamwo uruhuka igihe bishoboka. Niwabigenza gutyo, uzokwitwararika abavyeyi bawe umerewe neza ku mubiri, mu bwenge no mu mutima.

 Bibiliya yoba ivuga ko abavyeyi bitereye mu myaka bategerezwa kwitwararikirwa muhira?

Nta ho Bibiliya idomako nimba abana bakuze bategerezwa kwitwararikira abavyeyi babo i muhira. Hari imiryango ihitamwo kugumiza abavyeyi babo bageze mu zabukuru muhira igihe cose bishoboka. Ariko ntiwumve, haragera igihe babona ko vyoba vyiza babajanye mu bigo bijejwe kwitwararika abageze mu zabukuru. Abagize umuryango boshobora guhurira hamwe bagafata ingingo iborohereza bose.​—Abagalatiya 6:4, 5.

^ ing. 6 Ku bijanye n’iyi nkuru, igitabu kimwe kivuga giti: “Birashoboka ko Yozefu [umugabo wa Mariya] yari amaze igihe kitari gito apfuye, be n’uko Mariya yari amaze igihe yitwararikwa na Yezu umuhungu wiwe; none ko Yezu yari ku mpfiro, ni nde yosigaye amwitwararika? . . . Ng’aha Kristu yari yigishije abana kwitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru.”​—The NIV Matthew Henry Commentary in One Volume, urupapuro rwa 428-429.