Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’amashusho y’ibiterasoni? Kuganira ibishegu kuri internet vyoba ari bibi?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’amashusho y’ibiterasoni? Kuganira ibishegu kuri internet vyoba ari bibi?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ntivuga idomako ku bijanye n’amashusho y’ibiterasoni, ibiyago vy’ibishegu kuri internet canke ibindi bisa n’ivyo. Yamara, Bibiliya iratomora neza ingene Imana ibona ibintu vyose bituma haba ubusambanyi no kurenga ibigo canke bituma abantu babona ibijanye no guhuza ibitsina mu buryo butabereye. Raba ico iyi mirongo yo muri Bibiliya ivuga:

  •   «Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, ukwirekerana mu vy’inambu y’umubiri.» (Abakolosayi 3:5) Kuraba amashusho y’ibiterasoni birakabura ivyipfuzo bibi aho kuvyica. Bituma Imana ibona ko umuntu ayaraba ahumanye.

  •   «Umuntu wese aguma araba umugore ku buryo amwipfuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.» (Matayo 5:28) Amashusho y’ibiterasoni aratuma umuntu agira ivyiyumviro bibi maze bikamushikana ku gukora ibintu bibi.

  •   «Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umwina, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe.» (Abanyefeso 5:3) Ntidukwiye kuvuga ibishegu naho twoba turiko turajajura. Ikitavuzwe co ni ukuraba canke gusoma ibijanye n’igitsina.

  •   «Ibikorwa vy’umubiri biribonekeza neza, bikaba ari ubusambanyi, ubuhumane, . . . n’ibindi nk’ivyo. Ndababuriye kuri ivyo, nk’uko nyene maze kubaburira, yuko abaza barakora mwene ivyo batazotorana Ubwami bw’Imana.» (Abagalatiya 5:19-21) Abo bose basoma canke baraba amashusho y’ibiterasoni canke abagira ibiyago vy’ibishegu kuri internet, kuri telefone canke biciye ku kurungikiranira ubutumwa burimwo ibijanye n’igitsina, Imana ibona ko bahumanye mu vy’inyifato runtu. Hamwe twokora ibintu nk’ivyo, vyotuma Imana itaba ikidushima na gato.